Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Uwagirijwe ko yari umugizi wa nabi yishwe
Musaga : Uwagirijwe ko yari umugizi wa nabi yishwe
mardi 21 Ruheshi 2016, par
Umuntu umwe yishwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, kw’ibarabara rya kabiri muri komine Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Uwo yishwe arashwe , akaba yagirizwa ko yari afise ikirwanisho, nk’uko bimenyeshwa n’abajejwe intwaro. Claver NTUNGA niwe yagandaguwe, akaba yavuka mu ntara ya Rutana.
Ikiziga ciwe caraye aho kw’ibarabara rya kabiri, abaporisi bakora mu giporisi kijejwe gukingira abanyagihugu (Police de la Protection Civile) akaba aribo baje gutwara ico kiziga, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zine. Aho yiciwe hari amaraso menshi.
Abanyagihugu begereye ahiciwe uwo muntu bavuga ko uwo yagandaguwe yarashwe mu gihe yari ahejeje gusimba uruzitiro, ariko ahunga.
Umukuru wa zone Musaga RUMENYETSO Antoine, avuga ko uwo yishwe yari umugizi wa nabi, akavuga mbere ko yari afise gerenade.
IGIHE
Messages
21 Ruheshi 2016, 14:56, par K
Mushahara wathambi nihuo huwo tuu.
Ukoriciza akabarico uzosanga imbere,
Wakora ikibi akabariho uzosanga imbere.
Nikobimeze ntawuzoshobora guhindura icimana yamaze kuvuga.
21 Ruheshi 2016, 15:10, par MUYAHUDI
INKOZIYIKIBI NTAMPERA NZIZA YIGERIRONKA ATARUGUPFA IZONKORABARA NIZIHANUR ZISUBIZINKOTA MUGWUBATI NAHANDI ZIRAHONA
21 Ruheshi 2016, 17:47, par tari
None muburundi hariho itegeko tyemerera abantu kwihanira
21 Ruheshi 2016, 19:02, par willynshimirimana
uwo vyari bikwiye ko yishwa kuko ntaco yaramariye abarundi atariri ubugizi bwanabi kuko niyo gerenade yirigiye kwica inzira karengane satani amwakire
21 Ruheshi 2016, 19:14, par Mutimbuzi
Yabonye igihembo cyibyo yakoraga. Nabandi bameze nkawe bibabere icigwa. Uwicisha inkota azicishwa inkota.
22 Ruheshi 2016, 05:57, par pamba
Ibobicabandi igihembo bazokina
22 Ruheshi 2016, 08:29, par Kabango
Ariko se ninde wamuhamije ubugizi bwanabi, abantu nibazagya bavuga ko umuntu arimubi mugisagara muzagya mumwicya ari ntatihoza rikozwe, genda burundi ugeze habi
22 Ruheshi 2016, 12:51, par gaspard
mana fasha ingihungu cy’ uburundi nabagituye
23 Ruheshi 2016, 20:12, par Leonard Ndayirgje
uko bariko bicana kandi nabo bazopfa,bariko bigwiriza amadeni ku Mana.