IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Bambonanire Serapiyo arongoye CNTB yagirizwa gutwara itongo (...)

Musenyeri Bambonanire Serapiyo arongoye CNTB yagirizwa gutwara itongo umunyagihugu

lundi 24 Ruheshi 2013

Umupfasoni Maderena yabuze umushingantahe wiwe mu mwaka w’1972 aragiriza Musenyeri Serapiyo Bambonanire arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’’ayandi matungo CNTB, ko yamunyaze itongo inyuma yaho apfakariye.

Umupfasoni Maderena avuga ko amaranye ibanga imyaka itari mike ry’iryo tongo, ariko ko ubu ryamunaniye kubika. Iryo banga naryo ngo ni ivyo yari yarayaze na Musenyeri Bambonanire, ko uyo mupfasoni yotenyenya kubishira hejuru ariko ko bazovugana ibijanye n’iryo tongo, akarimuguriran ngo naho muntango yavuga ko iryo tongo ari iryo yaguze. Umupfasoni Maderena avuga ko amaze kumuhamagara akatari gake ku murongo wa terefone, ndetse ko amaze kumwandikira amakete. Ubwa mbere Musenyeri yamubarira ko azomuha amafaranga y’ico kibanza, ariko ubu aherutse kumwihaniza ko atosubira kumuterefona canke ngo amwandikire amakete, ko amuhaye uburenganzira bwokitwara aho akeneye hose muri sentare.

Uwo mupfasoni Maderena avuga ko umushingantahe wiwe amaze kugandagurwa mwaka w’1972 abana biwe bari bakiri bato, bica bituma atinya kuba aho hantu yaheruka kuburira uwiwe, niho Musenyeri Bambonanire nawe yaciye ahigarurira maze aca ahubaka amazu y’incuti ziwe, kandi n’ubu niho bakiba.

Umupfasoni Estera umubanyi wa Maderena avuga ko n’aho incuti za Musenyeri Bambonanire zigaruriye iryo tongo bafashijwe na Bambonanire arongoye umurwi w’igihugu CNTB, ko abizi neza, koaho hantu bahatwaye umupfakazi Maderena.
Musenyeri Bambonanire turiko turagerageza kumurondera ariko ntituramuronka ku murongo wa terefone ngo atange umuco kuri ibi yagirizwa n’umupfakazi Maderena.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.