Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musenyeri Justin yatanguje isekeza ryo kwigisha abaririmvyi b’Abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Musenyeri Justin yatanguje isekeza ryo kwigisha abaririmvyi b’Abarundi

Musenyeri Justin yatanguje isekeza ryo kwigisha abaririmvyi b’Abarundi

jeudi 29 Nzero 2015

Musenyeri Justin Baransananikiye yaviriye hasi ikibazo c’umuziki w’Uburundi wataye akamoto n’akaranga. Ni muri iyo ntumbero, yatanguje urugamba rukomeye, akavuga ko afise amahigwe ko n’ubushikiranganji bw’urwaruka buriko buramushigikira kuri ico gikorwa kitoroshe.

Kw’igenekerezo rya 28 Nzero, iruhande ya Sinzinkayo Leonard yaserukiye ubushikiranganji bw’urwaruka, Musenyeri yatanguje ku mugaragaro uruganda yise : " Kurondera guteza imbere imidiho ndundi mu kuyishira ku gihe". Imbere y’abamenyeshamakuru, abahinyanyuzi n’abaririmvyi, Justin Baransananikiye ati : "Ndumva umubabaro ntangere iyo numvirije ngasanga Uburundi ntibugira umudiho kanuni uzwi; kandi dufise aho twowukura".

Ivyo rero Musenyeri ntabivuga ku munwa gusa, kuko afise integuro zihagije zo gutanga ubumenyi bukwiye kugira umuziki ndundi ugire umudiho wiharije uzoja kw’isoko mpuzamakungu. Kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma 2015 gushika muri Mukakaro uno mwaka nyene, hategekanijwe inyigisho zizohabwa abaririmvyi bose. Zigabuyemwo incuro 6 kandi ku vyigwa bitandukanye. Harimwo gusubira ku muzi wùaho abaririmvyi ba kera bakura ivyo baririmba n’ibicurarangisho n’imvyino bisunga (imiduri, inanga, ikembe, indonongo, ibicuba, ibitito, n’imvyino).

JPEG - 44.5 ko
I bubamfu, Leonard Sinzinkayo, Boudi na Musenyeri bariko batanga impanuro

Inyigisho zizomara amezi 5 zizorangizwa no guhuza umudiho wa mbere w’uburundi uzoba watowe hamwe n’imidiho mpuzamakungu (Rap, Hip Hop, Ragga, Fank n’izindi). Ivyo bizokorwa kugira umuziki w’Uburundi uzoshobore kuryohera amakungu kubera uzoba uvanze hama amakungu ashobore kuwugura, maze abaririmvyi batungwe n’umwuga nk’uko abandi bo mu bindi bihugu babitanguye.

Ako karorero Musenyeri avuga ko yakabonye ku baririmvyi b’ibihangange bagwiriye muri Afrika y’Uburengero nka: Manu Dibango, Youssou N’dour, Mory Kanté, na Salif Kéita.

Mwomenya ko ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama buriko bufasha Musenyeri. Icigwa ca mbere(1er atelier de formation) n’ikibanza c’ahazotangirwa ivyigwa bizotangwa n’ubushikiranganji. Ubushikiranganji buserukiwe na Leonard SINZINKAYO buzofasha gutanguza Institut de Musicologie de Bujumbura, ikigo cahora mu ntara ya Gitega gusa.

Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo Xale Bi rwa Youssou NDOUR avuka muri Senegal rwakunzwe n’abantu barenga umuriyoni.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.