Accueil > Amakuru > Poritike > Musitanteri wa komine Nyakabiga, umudasigana ari mu mashami yose ya (...)
Musitanteri wa komine Nyakabiga, umudasigana ari mu mashami yose ya UPRONA
jeudi 20 Ruhuhuma 2014
Abantu baja mu migambwe, hari aho usanga bakora ibikorwa biberekana ko bakomeye, bakunda umugambwe. Hari n’ahandi bakora bironderera inyungu mu kwitaba amakoraniro aberekana ko ari abakunzi b’uwo mugambwe. Iyo ari uwironderera inyungu, ni hamwe usanga ahindura ku mwanya ku mwanya, ava muri iri shami yinjira mu rindi, ava mu mugambwe aja mu wundi.
Mu makoraniro no mu manza zitandukanye zimaze iminsi zitunganywa n’amwe mu mashami y’umugambwe w’abadasigana UPRONA, bamwe mu bategetsi bari mu nzego z’igihugu bakomoka muri UPRONA, vyaribonekeje ko bari mu mashami yose, bikaboneka ko batagira aho bahagaze. Nk’uko bivugwa n’abahinga mu vyaporitike, abanyeporitike bafise ibiti mu nzego z’igihugu bakora ivyo, kenshi baba batinya gutakaza ibibanza, bagasaba uwimye. Mu vy’ukuri iyo umuntu adashobora kwerekana aho ahagaze, aba ata rukundo afitiye umugambwe, ahubwo aba afise inyungu aronderayo, zituma aba ntambira uwimye.
Ku wa 9 Ruhuhuma aho Abadasigana bashigikiye Karori Nditije na Evariste Ngayimpenda bariko barigina ko basubiye kwinjira mu ngoro yabo ku Mugumya, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure amenyesheje ko atariwe yorongora UPRONA mw’ikete yari yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, musitanteri wa komine ya Nyakabiga Eric Nkurunziza yari yitavye ivyo birori, aho abo badasigana wabona ko bafise umunezero wo kuba batsinze akarwi bagiriza ko gakoreshwa na CNDD FDD mu kubasamburira umugambwe.
Inyuma y’iminsi itanashika indwi gusa, kuwa 15 Ruhuhuma, Eric Nkurunziza yari mu badasigana bari baje kwakira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu wo mw’ishami rya UPRONA irongowe na Concilie Nibigira. Muri ivyo birori, uwo musitanteri akaba yari yicaye mu bagize inzego zishigikiye Conciliya Nibigira ku burongozi bw’umugambwe UPRONA. Ariko rero icibonekeza, n’uko uwo musitanteri muri izo manza yagerageza akaja aho ata bantu benshi baza baramubona.
Igihe abo ku ruhande rwa Nditije bari binjiye aho ku Mugumya, Eric Nkurunziza yahagaze inyuma mu Badasigana, akaba yagiye kuboneka neza ariko aramutsa Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine yaheruka gutanga imihoho. Bakaba bompi bamaranye akanya bayaga, mu kavura kariko karagwa. Muri urwo rubanza, uwo musitanteri wa komine Nyakabiga, Eric Nkurunziza vyaraboneka ko akanyamuneza nawe agasangiye n’abadasigana bose bari bahejeje kwiyunga, n’aho bitabujije ko inyuma y’indwi imwe gusa aboneka muri birori vy’irindi shami rya UPRONA irongowe na Concilie Nibigira.
Igihe n’aho Abadasigana bashigikiye Concilie Nibigira, Gaston Sindimwo na Bonaventure Niyoyankana bariko barakeza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu nyubakwa ya Pyramid Center, Eric Nkurunziza yari yicaye amaja inyuma y’abandi bose, ndetse n’abamenyeshamakuru bakaba bamubonye naho nyene ibirori bigira bihere, ari uko bariko baririmba indirimbo yo gusezerana.
Iyo ngendo rero y’abanyeporitike bameze uko, ikaba yakunda kwibonekeza mu bihe vy’amatora, kuko hari abaca bahungira mu migambwe babona ifise abanywanyi, bagata iyabo mu gihe baba babona ataco izoronka mu matora. Ivyo kandi nk’uko bivugwa n’abahinga muvya poritike, ni ingendo y’ababa bajanywe n’amaronko atari urukundo bakunda imigambwe. Mwene abo banyeporitike rero, bakaba barwiriye mu bihugu bitaratera imbere, aho usanga ikigoyi kibica bigacika.
Mu mugambwe UPRONA, muri bamwe twavuganye bari ku ruhande rwa Concilie Nibigira canke abari mu ruhande rwa Nditije, bose baremeza ko iyo ngendo igayitse, bagasaba ko umwe wese yokwerekana uruhande ahagazemwo, atari ugutambatamba mu mashami yose ava aha aja hariya. Bavuga ko umunsi ingorane ziri muri uyo mugambwe zohera, aberekanye iyo ngendo, bashobora gutakaza ivyubahiro bafise.
Aristide Nizigire
Messages
20 Ruhuhuma 2014, 14:08, par kimana armand
Uwo mushikiranganji mwanditse yatanz imihoho yitwa Jean Claude Ndihokubwayo pas Jean Claude Nduwayo
20 Ruhuhuma 2014, 14:08, par kimana armand
Uwo mushikiranganji mwanditse yatanz imihoho yitwa Jean Claude Ndihokubwayo pas Jean Claude Nduwayo
20 Ruhuhuma 2014, 16:45, par BAKAME
niko bigenda noja kuva mukazi ndabibona? NEMERA UWUTWARA.
20 Ruhuhuma 2014, 16:45, par BAKAME
niko bigenda noja kuva mukazi ndabibona? NEMERA UWUTWARA.
20 Ruhuhuma 2014, 19:59, par Mathy
Niko bimeze burya nkuko umusesanguzi muvya politike Patiri Désiré Yamuremye akunze kubivuga aha mu Burundi benshi baja muri politike barondera inyungu zabo(amaronko) aho kuraba inyungu z’abanyagihugu. Burya uwo mumubonye kubera izo ngorane zadutse muri UPRONA nayo ahandi ho ndazi kwari benshi bameze nkuyo aha mu gihugu cacu!
20 Ruhuhuma 2014, 20:14, par MUGISHA
MUSITANTERI WA NYAKABIGA ERIC NAMUBONYE KERA KO ATAKIGENDA NIWE TURIKO TURAYAGA IVY’AMATORA Y’AMAKOMINE AHEZE YEMEJE KO YAGENZE NEZA N’IMPUMYI YARI YUMVISE KO YIMBWE NKESWE UWUMVA AKONGERA AKABONA
20 Ruhuhuma 2014, 21:57, par Edouard
Ahaa, ntagitangaje mubanye politike bacu, kuko abenshi bigaragara ko inyungu zabo ziruta izabo bitwa ko baserukira.
21 Ruhuhuma 2014, 02:47, par vianey
Aho mwotohoza musanga nomuri CNDD ariyoari , kwa jacque BIGIRIMANA ariyo ari , ahubwo akwiye kuja muri yomigambwe yose niho ngira inda yokuzura .
26 Ruhuhuma 2014, 13:10, par joseph
EMWE ERIC MUREKE NIKWO YIMEREYE, NI NTAJAMBO! JE NDAMUZI TWARABANYE, UZE UMUBAZE ICUPA N’AMATAKO Y’ABAKOBWA GUSA!