Accueil > Ubutunzi > Musongati : Ibikorwa vyo kwimba ubutare Nickel vyatangujwe icese
Musongati : Ibikorwa vyo kwimba ubutare Nickel vyatangujwe icese
vendredi 3 Gitugutu 2014
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yatanguje icese ibikorwa vyo kwimba ubutare Nickel muri komine Musongati iri mu ntara ya Rutana.
Kuri uno wa kane niho hugururwa icese ibikorwa vyo kwimba ubutare Nickel muri komine Musongati iri mu ntara ya Rutana. Ibikorwa vyo kwimba ubwo butare cahawe ishirahamwe "Burundi Musongati Mining".
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri ari nawe yuguruje icese ivyo bikorwa yamenyesheje ko Uburundi buzohungukira ibitari bike, na cane cane amafaranga y’agaciro, aho ni mu gihe iryo shirahamwe ryiyemeje ko ku mwaka rizokwimbura imiriyoni 5 z’amatoni y’ubwo butare.
Ariko rero ico gikorwa kizotwara umuyagankuba utari muke (amamegawate 800).
- Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
Muri ivyo birori vyo gutanguza ivyo bikorwa, abanyagihugu basanzwe baba mu mazone atatu agize iyo komine ya Musongati ahasanzwe hazokwimbirwa ubwo butare, basaba Reta kubasigurira namba bazoca bimurwa mu matongo bari basanzwe babamwo, canke naho ko bazoronswa umuzibukiro.
Floxella Karire