Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mutaho : Imbonerakure zirabangamiye abatavuga rumwe na CNDD-FDD - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Mutaho : Imbonerakure zirabangamiye abatavuga rumwe na CNDD-FDD

Mutaho : Imbonerakure zirabangamiye abatavuga rumwe na CNDD-FDD

jeudi 11 Mukakaro 2013

Abatari mu mugambwe CNDD-FDD bo muri komine ya Mutaho baremeza ko batorohewe n’imbonerakure z’uyo mugambwe uri ku butegetsi aho bavuga ko urwo rwaruka rw’imbonerakure rubagirako iterabwoba, aho ndetse hari urwaruka ruri mu mugambwe Sahwanya FRODEBU rwakubiswe rurashaya, ndetse gushika yaho n’ubwenge bugenda, mu gihe yemeza ko yakubaguwe n’imbonerakure.

Havyarimana Jean Marie aho ari mu bitaro, umubiri wiwe wuzuye ko imirabagu y’amahiri yakubiswe, ndetse izo nkoni zikaba arizo zatumye amara iminsi itatu atumva uwinjiye n’uwusohotse. Uyo musore rero aho arwariye yavuze ko yakubiswe mw’ijoro ryo ku wa 30 Ruheshi aho yarwa mu minwe ya nya mbonerakure zica zitangura ku mukubagura. Aremeza neza rero ko ugukubitwa kwiwe gufatiye ku mvo za politike.

Umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu muri komine ya Mutaho, avuga ko imbonerakure zihohotera abantu, ndetse zikaba zitegeka n’abanyagihugu kwinjira ku nguvu mu mugambwe uri ku butegetsi. Abatavyemeye rero ngo barakubagurwa, bagototerezwa ubuzima. Avuga ko ikubitwa bunyamaswa ryagiriwe Jean Marie Havyarimana ahurikiye mu mugambwe wa Ndadaye, avuga ko rifitaniye isano n’ukwo kwanka kuja mu mugambwe CNDD-FDD ku nguvu.

Charles Ndikumana musitanteri wa komine ya Muataho, avuga ko iryo kubagurwa ryakorewe uyo musore ko ataho rihuriye n’imvo za politike kuko abo basore barwanye mu gihe bari baborewe bose. Ariko aremeza ko komine izogerageza igafasha mw’ivuzwa ry’uyo musore yakubiswe nizo mbonerakure. Batanu rero ku munani bamuhohoteye ubu bari mu minwe y’inyamiramabi nk’uko bivurwa na musitanteri w’iyo komine. Asaba kandi abanyagihugu arongoye gutekana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.