IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mutambu : Abanyagihugu babanye neza mu Budasa bw’imigambwe

Mutambu : Abanyagihugu babanye neza mu Budasa bw’imigambwe

jeudi 15 Myandagaro 2013

Uburimyi, ubworozi, urudandaza rw’amakara n’ivyo bikorwa bibeshejeho abanyagihugu bo mu Gakara, komine Mutambu iri mu ntara ya Bujumbura. Abanyagihugu bo muri ako gace ka Gakara babanye neza mu butandukane bw’imigambwe yabo.

Nk’uko bivurwa na Simoni Ndiribona, abanyagihugu bo mu Gakara, batunzwe n’uburimyi, ubworozi n’urudandaza rw’amakara. N’aho isi ndimwa iriko iraga, avuga ko bagerageza bakarima ku misozi, hamwe no mu myonga. Ibijumpu, ibigori, ibiharage nivyo birimwa ku bwinshi kuruta ibindi. Ikirimwa c’amateke naco, ngo si ikirenga kubera ubukene bw’imivyaro y’ico giterwa. Muri ako gace, imisozi nka yose irambaye, bigaragara ko ibidukikije bikingiwe. Ndiribona avuga ko bategerezwa gutera ibiti vyinshi kuko babikuramwo amafaranga iyo bashoye amakara. Abanyagihugu bo muri ako gace rero babanye neza mu butandukane bw’imigambwe yabo, nk’uko vyandikwa na bagenzi bacu b’ikinyamakuru Le Renouveau du Burundi.

Abanya gihugu bari mu migambwe itandukanye barahari kandi benshi, ariko ntamishamirano yigera ihaba. Nimbona Melchior avuga ko ingorane zivuye ku matongo, ukwutumvikana bivanye n’akaborerwe hamwe n’ubusuma mu mihana co kimwe no mu mirima nivyo kenshi bitera kenshi umutekano muke.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.