Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Abaporisi basabwa kutaza barakorera ku bihuha vya zimwe mu (...)
Muyinga : Abaporisi basabwa kutaza barakorera ku bihuha vya zimwe mu mbonerakure
lundi 24 Ntwarante 2014
Abanywanyi b’umugambwe FNL mu ntara ya Muyinga, bavuga ko baturatuzwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, mu gihe bamwe bakubitwa, abandi bakaburagizwa, gushika yaho hari na bamwe babuzwa gushika no mu miryango yabo.
Inyuma y’ inama yariko irabera muri zimwe mu nyubakwa za Diyoseze ya Muyinga, abakristu bari biyitavye barugarijwe n’abaporisi barankirwa gusohoka, mu gihe igiporisi co cavuga ko hari umuntu aronderwa. Amakuru yagiye kumenyekana mu nyuma, akaba ari ukwo hoba hariko hararonderwa Agaton Rwasa, asanzwe avuga ko ariwe arongoye uyo mugambwe.

Bamwe mu ndongozi z’uyo mugambwe mu ntara ya Muyinga bakavuga ko bakubaguwe n’Imbonerakure, baricarikwa hasi, barakubitwa barashaya. Umupfasoni arongoye uyo mugambwe mu ntara ya Muyinga, akavuga ko yakubaguwe, munyuma ndetse aca aranarengutswa mu giporisi aho i Muyinga, ariko aca ararekurwa.
Abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga bagasaba abaporisi gukora neza ubuzi bwabo, kandi bakareka no kuza barakorera ku bihuhu vya zimwe mu mbonerakure z’umugambwe CNDD FDD. Abaporisi rero bakaba bavuga ko cari igikorwa gisanzwe bariko baragira, kandi ico gikorwa bakavuga ko batagitumwe n’izo mbonerakure zivugwa n’abanyagihugu b’i Muyinga.
Aristide Nizigire
Messages
24 Ntwarante 2014, 13:49, par bumwe
Reka ubwoba abanyagihugu bazoca urubanza.iyo utoteje umuntu muri politique uba uriko umugirira propagande kuko nuwutaramuzi acarondera kumumenya
24 Ntwarante 2014, 14:17, par mukobwajana
REKA BAHUTU BITORERE UWUBATWARA ..NONE MUTINYA IKI!
24 Ntwarante 2014, 14:36, par Nayuburundi
Kubera iki abarundi benshi muvuze muvugana amacakubir mugihe ibibazo dufise ubu atasano bifitanye n’UBUHUTU canke UBUTUTSI?Mukobwajana ntusubire kutubeshesha amacakubirimutama niba uba wabuze ivyowandika!!
24 Ntwarante 2014, 15:02, par mico
none rwasa aho ataha ntibahazi bamushatse nubu ntibomufata mukure ibinyoma ngaho ayo ni amarangamutima budya bahiga SINDUHIJE
24 Ntwarante 2014, 15:06, par Zuwena
Abanyagihugu Bamuyinga ntimuturondere inyuma ya CNDD harikera vyarahindutse ubu turinyumaya ADC ikibiri uwanka yangare
24 Ntwarante 2014, 17:10, par MWARIMU
Ntawanka kwonka nyina ngwagwaye amahere,uyo wanes kumwonka ucuba umwana w,intano,none rero urubanza sikera,nimurindire muzokumigwa,gusa ntimuzoce muvyifatamwo nkomuri2010,vumilia uwihenda we nuwugomba kuvuga ko ubwoko butakigira ikibanza,ngira wewe utabwemera ntabwo ufise,nibitungwa ari bitungwa biri nubwonko,hama rero ngo tubwiyibagize,baraguhenze ncuti yanje.
24 Ntwarante 2014, 17:21, par mukobwajana
NONE INTWARO SI Y ABAHUTU HARI ICO MBESHE GA NTU!!!!YEMWE DEMOCRATIE NICO IVUGA HANO I BURUNDI....NONE NIBO BENSHI ...HARAGIRE UMUTUTSI YITOZA NKA PRESIDA ARABE UTUJWI ARONKA,,,
25 Ntwarante 2014, 07:38, par kaminuza
ubu ntavyubwoko bikihari nitureke kuvyitwaza.abahutu bicwa nabahutu banganiki?ababhutu bangazwa nabahutu banganiki?ubu dupfa inda gusa.iyo ugomvye kuraba uko wisuganya bakujako nabuhiri.nabomukwiba bari mwihiganwa.ubu hakwiye intwaro ya gisirikare igashira ibintu muburyo nayahandi cndd fdd yasaze igihugu kiragiye kitagarukiwe.
25 Ntwarante 2014, 17:00, par HARINAHO
Barundi barundikazi cane cane Rwaruka rw’UBURUNDI bw’ubu n’ubwejo,jewe ndavuga simvura,ariko mu kubite agatima mpebero,mwarabonye mwese canke benshi aho ingwano yatugejeje;mwarabonye benhi mu bayikamishije urwaruka ni ruke rushoboka,ariko benshi kandi bakibandanya murabona abari bo.Gerageza mugwanire agateka kanyu kandi mufatanye munda murengere izonryane z’ubwoko besnhi bitwaza bagomba ivyo basahura .Raba amashure arugaye cane cane Universite publique (ENS