Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Hamwe n’ibomborabombora ahandi n’itanga ry’imihoho
Muyinga : Hamwe n’ibomborabombora ahandi n’itanga ry’imihoho
mercredi 30 Mukakaro 2014
Ibomborabombora, ibogozwa canke itanga ry’imihoho nivyo bimaze iminsi bivugwa mu ntara ya Muyinga, aho ndetse icuka kibi kivugwa no mu bategetsi bakomoka mu mugambwe CNDD FDD muri iyo ntara nyene.
Musitanteri wa komine ya Muyinga Evelyne Izobiriza akaba yatanze imihoho, naho bitaremezwa mu bamurongoye. Ivyo bikaba biri mu rwandiko uyo mupfasoni yanditse. Evelyne Izobiriza akaba kuva aronse amabanga yo kurongora komine ya Muyinga atigeze yoroherezwa na bamwe mu bagize inama mpanuzwajambo ya komine Myinga, ndetse uyo mupfasoni akaba yanatowe bigoranye, aho yanswe gatatu kose.
Inama mpanuzwajambo y’iyo komine ikaba yari yabogoje uyo musitanteri ku wa 3 Ruheshi yagirizwa gukoresha nabi amatungo ya komine, hamwe no kuba adashoboye kurangura neza amabanga yo kurongora komine Muyinga, ariko bidatevye umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana aramusubizaho ku wa 7 Ruheshi uyu mwaka. Evelyne Izobiriza aremeza ko abo basangiye umugambwe CNDD FDD bari mu nama mpanuzwajambo y’iyo komine, batigeze bamworohereza mu mabanga yiwe, eka umushikiranganji w’intwaro yo mu gihugu hagati akaba ariwe yagumye asukamwo mabisi.
Evelyne Izobiriza akaba atanze imihoho inyuma ry’ibogozwa rya buramatari w’iyo ntara Ildephonse Ntawunkunda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD muri komine ya Muyinga, icegera c’umukuru w’umugambwe mu ntara ya Muyinga hamwe n’umukuru w’igisagara ca Muyinga.
Aristide Nizigire
Messages
30 Mukakaro 2014, 16:27, par Nwari
Mwari mwagerageje kwihisha ko mutari abanyamacakubiri birase??mwabaye nkaya vyisi imana yayihaye umurizo wintama iwirigwane kugira imana ice iyiha umurizo munini ??kumogoba imana uyibaza iti wamurizo wintama naguha urihe???ibura icoyishura imana iti genda nuk
30 Mukakaro 2014, 17:26, par Bizohinduka
Birasha biraza,abo ku rwego rw’igihugu namwe mube muritegura kuko ivyo mukorera abandi ningombwa bibagaruke.Ruriye abandi rutabibagiwe!
30 Mukakaro 2014, 20:47, par Gaudence
ibintu biriko biraba i muyinga muraraba ntibitwononere twebwe abenegihugu burya biradutera amakenga.Ntakuntu Ko Musitanteri Agiye Bamwe Bamwe Bosubizwaho?
30 Mukakaro 2014, 22:35, par turugwane
@gaudence ntugire ubwoba niyamihimbiri yabatutsi twirukana
31 Mukakaro 2014, 08:39, par nzobandora
kaze mu mugwi w’aba "désillusionnés"! mbega aho abo batutsi n’abatutsikazi bagenda muri dd bakaraba barya ibihiye, batazi icabitetse n’ukuntu vyahiye, bari bazi ngo bizoborohera?? abigize bose ba "bigwahashashe" ayo niyo muzobona. Ni mutekereze murye ivyo mubiriye akuya, bihezagiye ata maririra n’imivumo birimwo. Nk’uyo mu kumuburabuza yazira ubwoko nta kindi.
31 Mukakaro 2014, 13:27, par Mushauri
Nanone iyireta yariyihanganye kuri buyoya canke bagaza mwotwereka umukukuruke wumuhutu yabaye buramatari canke msinteri 2 mwibaza ko hari umututsi atora dd numusinumwe umpisha kunyanka nkaguhisha konabimenye murekuzamazuru muzakurondera vyomwuha mutarushe jemwishamba namwe
31 Mukakaro 2014, 18:01, par karikurubu
aaaawa!!!none ko umengo yitanga ku bw’epfo mu ba dd???? Ngirango bazomushumbusha ukundi; canke naho asubire kudandanza uduhuzu, aba dd babandanye bamurihira loyer!
5 Myandagaro 2014, 11:01, par mukobwajana
Evelyne courage mbe abavuga ivyubwoko bagira Accord d Arusha na Constitution bayihambe !!!!!Nta mugambwe numwe azoronka institutions valables udasonera ivyo vy amoko nuko biri mwashaka mwareka bimeze uko!!!!!Aho rero murahava ..nta shamba ni accord d Arusha ikora ..Gusa j invite abagore b abatutsikazi bari mu migambwe y abahutu benshi nka dd guca ubwenge bakarwanira ukuri n ibikorwa ...Evelyne arubatse mumureke ..azokora ibindi ....Ko muvuga abatutsikazi gusa nibo bagore!!!????Abahutukazi nta beza barimwo mwaraguye inda irunuka puuuu!!!!!
11 Myandagaro 2014, 11:34, par kosima
ntazobura ico akora nyene, kuko arazi kwidandaza!!! yamara bahora bavuga ngo abakora uyo mwuga ngo bafite i boutique idahomba, mugabo ubu isigaye ihomba : sida.