Accueil > Poritike > Muyinga : Icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD yakombowe
Muyinga : Icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD yakombowe
jeudi 24 Mukakaro 2014
Louis NGOMIRAKIZA yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga, akaba ari nawe mukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga yakombowe. Amakuru ava i Muyinga avuga ko yoba yagirizwa ko yaburabuje ibikorwa vya Evelyne IZOBIRIZA, musitanteri wa komine Muyinga.
Mu ntara ya Muyinga haribonekeza icuka kitari ciza hagati mu ndongozi z’umugambwe CNDD FDD muri iyo ntara, hamwe n’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga. Inyuma y’ikurwa rya Jean Pierre Ndayisaba yahora arongoye umugambwe CNDD FDD muri komine ya Muyinga, bikavugwa ko yoba yazize indyane zimaze iminsi mu nama mpanuzwajambo ya komine Muyinga, n’icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga yakuwe mu mabanga. Louis NGOMIRAKIZA yari asanzwe ari n’umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga yoba yagirijwe kudurumbanya ibikorwa vy’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga, ari navyo vyatumye musitanteri wa komine Muyinga Evelyne IZOBIRIZA akomborwa, mu nyuma agasubizwa mu mabanga na Edouard NDUWIMANA, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yasiguye ko yasanze ivyo yagirizwa bitagira ifatiro. Evelyne IZOBIRIZA yari yagirijwe ko yasesaguye amatunga ya komine, akagirizwa kandi ko adashoboye kurangura amabanga yo kurongora iyo komine, kandi ko atangisha amafaranga abavyeyi yo kwubaka amashure nshingiro kandi atagirishije inama ababijejwe.
Mw’ikete Edouard NDUWIMANA, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yarungikiye buramatari w’intara ya Muyinga, yamumenyesheje ko afuse ingingo yari yafashwe n’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga yo kwirukana Evelyne IZOBIRIZA. Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA akavuga ko yisunze icegeranyo c’ubugenduzi bw’ikigega ca komine.
Louis NGOMIRAKIZA yakuwe mu mabanga y’icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga, yasubiriwe mu kibanza na Blaise Pascal MISAGO asanzwe ari umuyobozi w’indero muri iyo ntara.
Tubibutse ko Louis NGOMIRAKIZA, icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga akombowe inyuma y’iminsi ibiri gusa na buramatari w’iyo ntara abogojwe, agasubirizwa na Aline Manirabarusha avuka mu ntara ya Muyinga, akomoka mu mugambwe CNDD FDD.
Egide NDUWIMANA
Messages
24 Mukakaro 2014, 17:54, par MATANA
Ruriye abandi rutabibagiye .
24 Mukakaro 2014, 18:04, par Ihorihoze
Ruriyabandi rutabibagiwe,kandi urucira mukaso rugatwara nyoko.
25 Mukakaro 2014, 09:37, par mukobwajana
ABAKENYEZI JU ARIKO MWIBUKE GUTWARA KO ATARI UGUTEKA UMUTWE ARIKO MUGENDERE INGINGO UKURI N UBUTWARI BASHA TWARA ABO BA DD BISHINGA KWICA NO GUSAHURA
26 Mukakaro 2014, 11:50, par R G
UFISE AMAKOSA NIBAMUKURE ARIKO BIRINDE IREMENTANYA
29 Mukakaro 2014, 21:42, par Kabizi
Twari tuzi ko muri CNDD-FDD ari Democratie yigendera?None uwashizweho na congres akurwa n’ikete risanzwe. Uwo mugore ivyo yabahaye birakomeye aho batacibuka ico amtegeko avuga. Raba I komine yarayizingamitse aho n’ibikorwa vy’iterambere vyahagaze. N’umusi mukuru wa komine ntuzoba kubera ububegito bwiwe. Ewe turagowe!!!!!!!!!!!!!!
12 Myandagaro 2014, 10:37, par mukenyerarugamba
yaragaramye birashimwa! none bihitanye abo muri dd bose! abagumyabanga, murabura kuhagabira aho mwaratewe na rusiferi, aho ashitse ibintu bica bisenyuka.