IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga : Umugabo yagirijwe gucuruza abantu yahanishijwe umunyororo w’imyaka (...)

Muyinga : Umugabo yagirijwe gucuruza abantu yahanishijwe umunyororo w’imyaka cumi

mercredi 27 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare nkuru y’i Muyinga yahanishije umunyororo w’imyaka cumi umugabo yagiriwe n’icaha c’ugucuruza abantu. Umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi atandatu nawo wahawe Adidja MINANI, umugore nyina w’umwana w’umwigeme yari yagurishijwe.

Uwo yagiriwe n’icaha c’ukugurisha abantu ni Rachid NDIKUMANA avuka muri komine Kabezi, intara ya Bujumbura. Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muyinga yagirije uwo mugabo ko mu kwezi gatandatu uwu mwaka yaguze umwana w’umwigeme w’imyaka 13 muri komine ya Muyinga. Mu kugura uwo mwana, yavuze ko agiye kumwigishigisha ururimi rw’ikorowani, ahandi naho akavuga ko agiye kwubakana nawe.

Uwo mwana w’umwigeme yari yaguzwe ibihumbi mirongo itatu vy’amarundi yahawe nyina amuvyara, akaba yafatiwe i Ngozi, mu gihe yariko ajanwa i Bujumbura n’uwo Rachid NDIKUMANA.

Mu matohoza y’umushikirizamanza, uwo yari yaguze uwo mwana yari yumvikanye na nyina ko azomuha ibihumbi iajana na mirongo itanu, ariko aba aramuha ivyo bihumbi mirongo itatu, kugira ayasigaye azoyazane hanyuma. Se w’umwana nawe yahawe ibihumbi cumi muri ivyo mirongo itatu, ariko akaba yasiguye ko atarazi umugambi nyina w’uwo mwana yateguye hamwe n’uwo yamuguze. Uwo se w’umwana akaba yambitswe izera.


IGIHE

Messages

  • Ndinginze Reta Yuburundi Ihagurukire Kugwanya Iryobara Ryabobantu Bakora Urudandazwa Rwabantu! Emw Ndabona Turimubih Vyanyuma! Mana Tabara Inosiyaw Igezahanyerera.

  • Vyose birikobirava kukubera harabarundi barimubihugu vyohanze bagiyeyo maze bakaba bafasha imiryango yabo ivyorero bituma uwumvise kunwanawiwe agombagutwarwa hanze kwagiye kumera nkabo birirwa barafasha imiryangoyabo bibereye hanze .
    Ico abarundi bakwiyekumenya nuko kujahanze bitemewe nareta canke kubaba arimpunzi bagafashwa na HCR ibitarivyo ubugiye kubona ishano. Hanyuma hariho nababikorera imiryango ariko nubundi harimpamuro zica muri reta kugirazemeze icuwomuntu agiye gukora hanzeyigihugu, gezaho kubesha nokubeshwa.

  • None Uwomwana Avuka Mwizone Iyi Umutumba Uwuhe? Se Nawe Bamwitangwiki

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.