Accueil > Poritike > Imigambwe > Muyinga : Uwundi mu FNL ayoboka Rwasa yafashwe arapfungwa
Muyinga : Uwundi mu FNL ayoboka Rwasa yafashwe arapfungwa
mardi 24 Ruhuhuma 2015
Uwundi mu FNL ayoboka Agathon Rwasa yafashwe mu ntara ya Muyinga aca atabwa mu mvuto.
Joseph ndihokubwayo arongoye FNL mu Gashoho ari mu gasho, akaba ndetse aje yiyongera ku bandi ba FNL bayoboka Agathon Rwasa bapfungiwe muri komine ya Giteranyi, aho bafashwe bagiye kuramutsa abagenzi babo muri zone ya Ruzo. Abo bafatiwe mu Giteranyi, uretse ko bakubiswe n’Imbonerakure za CNDD FDD bagashaya, bivugwa ko babiri muri bo bapfunzwe bariko amapingu ku maboko.
Tukabamenyesha ko ivyo biriko biraba, mu gihe hasigaye amezi atatu gusa kugira abarundi binjire mu matora. Mu mugambwe FNL mu ntara ya Muyinga bakabona ko ari agasomborotso, ndetse bakabifata nk’iburabuzwa bagirirwa n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, mu gihe bariko bitegurira amatora.
Aristide Nizigire
Messages
24 Ruhuhuma 2015, 10:04, par james
Hongor’injavyi.
24 Ruhuhuma 2015, 15:44, par John
James, injavyi ni wewe utazi ivyo uvuga. Tembagara mubise abandi ivyanyu twarabibonye.