Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruganda Krysbel rwabiciye biracika muri "Défilé de mode" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Uruganda Krysbel rwabiciye biracika muri "Défilé de mode"

Uruganda Krysbel rwabiciye biracika muri "Défilé de mode"

lundi 22 Kigarama 2014

Muri Hotel Panoramique haraye habaye ibirori vy’agakura aho ibigeme n’abahungu b’Abarundi bagira "défilé de mode" y’akataraboneka. Krysbel yateguye uwo munsi avuga ko afise intumbero yo kumenyekanisha Uburundi na Afrika biciye mu mideri ikorewe mu Burundi.

Mu masaha y’ijoro yitereye kw’igenekerezo rya 21 Kigarama muri Hotel Panoramique, imbere y’abantu bari baje kuratira ijisho, ibirori KRYSBEL vyahuje imisore n’inkumi z’Abarundi aho berekana bishasha bahinyanyuye mu bijanye n’ugukora imideri mishasha na "défilé de mode".

Mwomenya ko ibirori vyari vyateguwe n’umwigeme akora imideri Krystal Bella Shabani ari nawe yatanguje uruganda rw’imideri yise KRYSBEL. Uwo avuga ko ariko ashira mu ngiro indoto ziwe, kuko kuva akiri umwana muto yakunda gucapa no gukora imideri y’impuzu akoresheje udushambara. Afise imigambi yo kumenyekanisha Uburundi biciye mu mideri gushika n’aho uwuzokwumva ijambo KRYSBEL azokwumva Uburundi canke Afrika.

Abarundi rero basigaye ari abahinga mu gutegura ibirori vy’abanyamideri kuko haheruka iyindi "défilé de mode" yateguwe na Agence Esther muri birori vyitwa "Burundi Internatinal Fashion Night" vyahuza abanyamideri bava mu bihugu bitandukanye.

JPEG - 26.8 ko
Umunyamideri Kristal Bella Shabani

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.