Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mw’ishirahamwe ABCL basaba Leta kwitaho ururimi n’imico y’abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Mw’ishirahamwe ABCL basaba Leta kwitaho ururimi n’imico y’abarundi

Mw’ishirahamwe ABCL basaba Leta kwitaho ururimi n’imico y’abarundi

jeudi 27 Ruheshi 2013

Mu gihe Uburundi buriko bwitegurira guhimbaza isabukuru y’imyaka mirongo itanu n’umwe igihugu kimaze kironse intahe yo kwikukira, ishirahamwe ryiyemeje kurwanya itituka ry’ururimi n’ico y’abarundi ABCL (Association Burundaise de Lutte contre la Colonisation Linguistique) ryatunganije kuri uyu musi wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi 2013, ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, aho bariko basaba Leta gushira imbere ururimi n’imico y’abarundi mu birori vyo guhimbaza isabukuru y’imyaka mirongo itanu n’umwe Uburundi bumaze buronse intahe yo kwikukira bizoba ku musi wa mbere igenekerezo rya 01 Mukakaro 2013.

Muri ico kiganiro, Pasteur Janvier Niyoyanyibutse, umukuru w’iryo shirahamwe akaba n’uwuriserukira imbere y’amategeko yatanze akarorero ko mu birori vyo mu mwaka uheze aho umwanya munini hagumye herekanwa intambo n’imvyino bihayagiza ururimi n’imico kama y’abashinwa, ivyo bikaba bidahuye na gato n’uko vyari gutunganwa, kuko muri uwo mwanya abarundi baba bakeneye kubona akaranga kabo biciye mu ndirimbo n’intambo zokwerekana ibihe bikuru bikuru vyaranze ubukoroni n’intambwe zatewe mu gushikira intahe yo kwikukira.

Pasteur Janvier Niyoyanyibutse ntahakana ko ibihugu bigenzi vy’Uburundi bifasha mw’iterambere ry’igihugu harimwo n’Ubushinwa, ariko asaba ko nko kuvyerekeye integuro y’isabukuru ry’ukwikukira kw’igihugu, botanga intererano yabo ariko bakareka igihugu kikavyitunganiriza mu bwigenge na kare ko imico kama n’indirimbo z’abanyamahanga ata kibanza biba bifise muri uwo mwanya.

Yarangije amenyesha ko mw’ishirahamwe arongoye bagiye gutegura inganda zo guhanahana ivyiyumviro n’abo vyega, bakaba bazosaba Leta guhimiriza bene gihugu kudata akaranga mu gihe indimi zo mu mahanga zidahengeshanya kudushwaramwo, akamenyesha ko Leta itahakanuriye dushobora gusanga twinjiye mu bundi bukoroni bufatiye ku ndimi n’itituka ry’imico n’akaranga y’abarundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.