Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge yafashwe ubwa mbere nk’intara mu guhabwa uwurongora amashure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Rumonge yafashwe ubwa mbere nk’intara mu guhabwa uwurongora amashure

Rumonge yafashwe ubwa mbere nk’intara mu guhabwa uwurongora amashure

jeudi 15 Nzero 2015

Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nomero 100/10 ryo kuri uyu wa 12 Nzero abarongoye inyigisho mu ntara bagenywe, gishasha akaba ari uko na Rumonge yafashwe nk’intara ikaba yaronse uwutwara amashure.

Nk’uko aya makuru tuyakesha igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, abantu 18 nibo bagenywe kugira barongore ubuyobozi bw’amashure mu ntara. Hahora hari ubuyobozi bw’intara 17, ubu bwabaye 18 kubera intara ya Rumonge. Ikindi akaba ari uko muri 18 bose umukenyezi ari umwe, uwo nawe atwara igisagara ca Bujumbura.

Aazina y’abo bagiye kurongora ubuyobozi bw’amashure mu ntara akaba ari aba bakurikira :

Bubanza : Pierre Claver Niyonzima

Bujumbura : Renovat Hatungimana

Igisagara ca Bujumbura : Alvere Niyongere

Bururi : GilbertNiyonkuru

Cankuzo : Leonidas Tangira

Cibitoke : Jean Claude Niyonsaba

Gitega : Renovat Niyonkuru

Karuzi : Romuald Nzisabira

Kayanza : Desire Majambere

Kirundo : Jean Pierre Ntirampeba

Makamba : Etienne Nigarura

Muramvya : Ladislas Sikubwayo
Muyinga : Dunia Senkima

Mwaro : Claver Ngurube

Ngozi : Jean Pierre Ndikuryayo

Rumonge : Paul Ninganza

Rutana : Jean Bosco Ndikuriyo

Ruyigi : Sylvestre Niyonzima


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndashimy caan nyen icubahiro mukuru w igihugu kuryohindugwa ry abayobozi bindro muntara ariko muzosoke murab ntibazokor nkabakuru babo!uraz amaka namatongo vyaherey munda zabo arukuniga abavyeyi nibibondo kubw igiturire! abarundi turarindiy kumeny ahomuhagaz kuvyaya matora nokwiyi tagisi yokumaterofon

  • mvuka aho mu rumonge ndahimbawe cane nigenwa dya bayobozi bakuru bamashure. Imana ibaji imbere mu bikogwa bagiye kurangura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.