Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mwari muzi ko umuntu ashobora kwiyunguruza ata mpamba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mwari muzi ko umuntu ashobora kwiyunguruza ata mpamba

Mwari muzi ko umuntu ashobora kwiyunguruza ata mpamba

samedi 1er Kigarama 2012

Ubona ko mu gisagara uhasanga vyinshi, umugabo umwe yaje mu gisagara ahamara umwaka wose ata kazi afise. Muri ico gihe wa mugabo baca baramukenera muhira kugira bashire mu buryo ibijanye n’ingorane z’amatongo mu muryango kuko umuvyeyi yari ashaje.

Isango ryo kuja muhira riragera ariko rigera wa mugabo ata kazi araronka bisigura ko n’impamba ataho yari kuyikura. Ubona ko uwuvunitse atayoberwa gucumbagira, ng’uwo ahitanye umufuko arawumesuye neza araheza awuzuza umwavu eka nawe aroga neza afata ibarabara,agana ku gituro.

Ahashitse ba basore bakira abaje kwurira imodokari(convoyeur) baba bamubonye nk’ejo abwira uwari amubwiye ko bajana mu modoka ati:«Wa musore we, bino bintu ndabiduganiye umukenyezi n’abana,ubirabe neza ntibizimire.»
Baragenda, basigaje nk’ikirometero kimwe ngo bashike abwira wa musore ati:«Hagarara nihagarike.» Asohotse ntiyagarutse ku buryo wa musore yarindiriye amaso ahera mu nzira. Wa musore abibonye ukwo ati:«ko ahevye uyu mufuko urimwo ibintu vyinshi yarashiriye umugore n’abana, naje ndamuhevye.»

Imodokari ishitse aho ihagara, wa musore agire ngo araraba yirihe muri wa mufuko asanga ni umwavu abura ico afata nico areka. Uwo mufuko nubu uri ku gituro.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.