Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mwaro : Abadasigana ba UPRONA basavye Prosper Bazompora kuva mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mwaro : Abadasigana ba UPRONA basavye Prosper Bazompora kuva mu (...)

Mwaro : Abadasigana ba UPRONA basavye Prosper Bazompora kuva mu gacerere

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Abanywanyi b’umugambwe UPRONA mu ntara ya Mwaro basaba Prosper Bazombanza gutanga umuco ku makuru ariko aravugwa ko ariwe ashobora kugenwa kugira ashikirizwe ikibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi cahoramwo Bernard Busokoza.

Abadasigana ba UPRONA bagize komite y’umugambwe mu ntara ya Mwaro barasohoye itangazo ku munsi w’ejo, aho bamenyesha Prosper Bazombanza ko mu gihe yokwemera gushikirizwa na Bonaventure Niyoyankana ikibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu azoba yishize mu mananiza, mu kwemera gukorana n’umugambwe CNDD FDD kandi ata kindi uwo mugambwe ushaka atari ugusambura UPRONA.

Muri iryo tangazo, komite nkuru y’umugambwe w’abadasigana UPRONA mu ntara ya Mwaro isaba Karori Nditije gukurikiranira hafi ico kibazo kivugwa ko Niyoyankana Bonaventure yoba agira atange izina rya Prosper Bazombanza, kugira basanze arivyo bamufatire ibihano bikwiriye hakiri kare.


Egide Nduwimana

Messages

  • babimufatire koko kuko yobaba agiye muri za mburakimazi mutama wagasore yavuga aibonita bampema yuzuye nka Bonaventure

  • Niyoyankana none n’umuntu ki ko yananiye bose kugeza no kubo bose rimwe. Bayina yibaza ngo aronse amahera azorya hanyuma abone kuba muremure. Ihibambewe ahubwo ariko yiyimbira icobo. Ndamusavye atore ikarata y’umugambwe CNDD-FDD kuko niwo arimwo. Mbega basha Niyoyankana hamwe vyoshika agahura na Rwagasore yoca anyika.

  • Twizereko Prosper atorenga kurizo mpanuro zabo badasigana biwabo!! ntako numvise ngonawene nintahaga!!! reka turindire!ariko yarakwiye kwiyama NIYOYANKANA ntamute murudubi!!

  • bavugango "wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga umutumba ukabira nkayo!" NIYOYANKANA bamuguze kuva kera ntimwabimenya kuva aho CNDD_FDD yibiye amatora NIYOYANKANA yarahenze ABAPORONA baca bemera kuyabamdanya. none ntiboribona!!!!!!!!!!!!!

  • ivyiwacu bikomeje kuba ndanse. Peter akwiriye gutanga insiguro kuri aya MAGUME ya politike amaze kwaka indaro mu gihugu

  • NIMWITONDE KUKO MWESE UWOBIGA YOBAMENYA. NIYOYANKANA NUMUGABO AZI ICO GUKORA. AHUBWO NIBAMUREKE ATUNGANYE UPRONA NEZA HAMA ABADASIGANA BOGORORE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.