IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwaro: Imvura nyinshi yarononye imirima n’inzu muri komine Kayokwe

Mwaro: Imvura nyinshi yarononye imirima n’inzu muri komine Kayokwe

vendredi 4 Nzero 2013

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu itariki 2 Nzero 2013,imvura nyinshi y’igihuhusi yaraguye muri komine ya Kayokwe yo mu ntara ya Mwaro,inzu n’imirima bikaba vyarononekaye ku mitumba ya Muyebe na Gitunga.

Amakuru ava mu batware bo kuri iyo mitumba atumenyesha ko inzu zine zasambutse ku mutumba wa Muyebe,amashuri ane n’akazu ka surwumwe kamwe vyarononekaye.

N’imirima y’ibitoki,ibijumbu,ibigori n’ibindi vyarononekaye cane. Abanyagihugu bo muri ako gace bakaba batinya ko inzara ishobora kubatera,mbere ubu bakaba bugarijwe n’ubukene.

Musitanteri wa komine Kayokwe Sylvie Nizigiyimana akaba asaba abagiraneza ko bagarukira kuri abo banyagihugu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.