IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mwongeye Theophile avuga ko ubutumwa yazaniye Petero Nkurunziza buherana (...)

Mwongeye Theophile avuga ko ubutumwa yazaniye Petero Nkurunziza buherana n’ukwezi kwa gatanu

mercredi 21 Rusama 2014

Umuvugabutumwa Mwongeye Theophile akomoka mu gihugu c’Urwanda avuga ko ubutumwa yari azaniye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bufise umwanya utarenga uku kwezi kwa gatanu, ari naco gituma abandanya gusaba ko Petero Nkurunziza yomwumviriza.

Mwongeye Theophile, umuvugabutumwa wo mw’ishirahamwe ry’amashengero ya Pentecote mu gihugu c’Urwanda azokwiza iminsi indwi kuri uwu wa kane apfungiwe mw’ibohero ryo mu Kirundo, ku mvo z’amatohoza, inyuma y’aho asanze umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu Kirundo, avuga ko afise ubutumwa bukomeye Imana yamurungikanye kugira abushikirize umukuru w’igihugu bari kumwe ari babiri gusa.
Abajejwe agateka ka zina muntu mu ntara ya Kirundo basaba ko hako uwo muvugabutumwa yogumizwa mw’ibohero, kandi vyaranse ko ashikiriza ubwo butumwa, ko yopfuma arungikirwa ubutungane, akavanwa muri iryo bohero apfungiwemwo kure y’umuryango wiwe. Amakuru dukura aho mu Kirundo amenyesha ko icariho c’umushikirizamanza muri iyo ntara yagerageje kugondoza umuvugabutumwa Mwongeye Theophile kugira amubwire ubwo butumwa afitiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ariko aramwankira kuko avuga ko "Imana yamutegetse kuzobubwira umukuru w’igihugu bari bonyene."

Mu gihe iminsi indwi yo gupfungirwa mw’ibohero ryo mu Kirundo izohera kuri uwu wa kane, bikavugwa ko ashobora kwungururizwa mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi, mu gateka ka zina muntu bagasaba ko uwo muvugabutumwa yorekurwa agataha narirya ata caha kiramwagira, na kare ko afise uburenganzira bwo kwidegemvya mu Burundi, igihugu kinywanyi ca Afrika y’ubuseruko, co kimwe n’Urwanda.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibamureke uyo Muntu w’Imana yemwe!!Ugira Peter arinzwe kudapfa n’abamucunga iyaba Uhoraho atakimurinze?Niba President atashatse ubwo butumwa ni bareke uwo muvugabutumwa yitahire!!

  • Ariko igipolisi n’ubutungane bw’uburundi biradutesha agaciro! Bamupfungiye iki? Ko bamwankiye kubonana na kizigenza hari ikindi barondera! burya abantu bapfunga abandi ku busa umunsi barayeyo bazohinduka!

  • None uwo muvuga Butumwa wewe arashobora kuva mu gihugu ciwe ngo agiye kubonana na Presida ata na Rendez-vous. Erega biragoye kwemera uwariwe wese ngo avugishwa n"Imana. Nkabanyarwanda bobo dusangiye ingorane hariho abashobora kwikika mu kiza ngo bavugishijwe n"Imana ugasanga par example ari umunyarwanda ashigikiye opposition du Burundi akaza amubwira ngo Imana yamutumye ngo akore ivyo opposition yipfuza. Murazi kandi ko bavuga mu bihe vya nyuma hazoba abantu biyita abavugishwa n’Imana. Hariho anabtu beshi babesha ngo bavugishijwe n"IMana kandi ari ababeshi. Ntawuzi rero icoba cari kimuzanye, mugabo umuntu aje arondera umukuru w’igihugu nkuko ateye amakenga kandi akavuga ko bategerezwa kubonana.

  • None uwo muvugabutumwa ko adahanurira umwicany aka ni inkoramaraso Hitiler Paul Kagame !!! Ahubwo barebe neza ni umu DMI wari waje kuneka!!! Ago guhanurira abarundi nahere iwaci i Rwanda kuko kagame niwe wishe benshi !!!

  • nibamuhane bihanukiriye ayomatiku abayaya gumiza iwabo

  • Yemwe jewe mbona bomureka akitahira kumbure niyaba Imana ariyo yamutumye izotuma ibikere cank’imibu kumwe kwa farawo muri Egiputa kandi umutu yanka kumvira ubuhanuzi ntamahoro agira kuko abanyakibi bahunga atakibirukanye Imana ntikina burya n’iyimisi Bamufunze nabo ntamahoro bafise nibakomeze ariko izobicisha nahandi

  • Kuberako Umukuru w’Igihugu yanse kumuha umubonano,narekurwe hama atahe atakirinzwe gusabwa

  • Ariko abantu sinzi niba ari ubujuju canke niba ari ukutamenya kuri muri bo birandengera vyose. Ico kibazo cuwo yiyita umukozi w’Imana kiroroshe gutorera umuti. Abarundi jewe narutse bavuga ko kizira kwanka kwumviriza umuntu. Gusa biragoye kwumva umuntu yiyadukiza ngo afitiye ubutumwa president w’Igihugu kandi ngo ashaka abumuhe ari babiri bonyene. Nanje vyontera ubwoba. Uwo muvugabutumwa ashobora kuronswa inyishu zibiri bivana niyo president Nkurunziza ashaka. Iya mbere nuko adashaka kumwumviriza namubwire ko ubwo butumwa atabwo ashaka kwumva hama amubwire asubizwe iwabo. Ivyo ntakosa narimwe president azoba akoze. Iyindi igira kabiri nimba president yoba yikeka ko uwo muvugabutumwa afise iyindi ntumbero atazi ko nko mugihe boba ari babiri bonyene yohava amugirira nabi, ivyo birashobora gushika. Nafate bamuhe telefone hama ubwo butumwa abumuhere kuri telefone. Hama uwo nawe afate akayira yisubirire iwabo. Jewe ndibaza ko izo nzira uko ari zibiri zogabanya polemique..... Ndavuga simvura jewe

  • Bamwankiyubutumwabwiwe bamureke atahiwabo kuko ntacimwagira!!

  • Twasaba nyenicubahilo umuru wigihugu kwakila uyumuntu wumukozi wiMANA ATARAHO IKIZO KULIKILA AZIMENYA NAKAZI KIWE

  • Twasaba nyenicubahilo umuru wigihugu kwakila uyumuntu wumukozi wiMANA ATARAHO IKIZO KULIKILA AZIMENYA NAKAZI KIWE

  • hahahahahah ahubwo yasaze mbe kwatabanje kubuha KAGAME wibwza ngo mugihugu iwiwe niko vyose vyera ngo deeee!ahubwo bamuhane nakare ako nagasuzuguro puuuuuuu!

  • None nk´abo bavanga amadossiers bagatuka n´umukuru w´igihugu c´urwanda(uwo yiyita Mutabazi par exemple yerekana urwanko yanka Kagame aho gutanga iciyumviro kuri sujet) bavuga ngo ni abanze aje guha ubutumwa umwicanyi, muzi gute ko yari aje kubwira nkurunziza ubutumwa bujanye n´ikibi yoba akora? Burya ukwibarira niko kubesha. Peter niyumvirize uwo mukozi w´Imana. Atabishatse namureke yisubirire iwabo ariko ivyo kumupfunga abihagarike kuko sinumva ikosa yakoze gushika ubu.

  • Ako ni akagaye. Ni agende ahanurire Perezida wabo ni we akeneye impanuro nyinshi. Nosaba abashinzwe umutekano kuza barashusha uwo mutekamutwe buri igitondo. Murakoze.

  • ewe gakwavu nkunda guhendwa!
    Ngo ubwo butumwa buzoherana n’ukwezi kwa 5 ?! Ahubwo arantwengeje!!

    Iyo ni imitwe! Ahubwo kubera abona ukwezi kwa 5 kugira guhere,kandi akaba abona ko iyo dossier ikomeye,ashaka ko uko kwezi guheze boca bamurekura,

    reka tubirindire.

  • Ako kantu kiyise Nairobi nyomba bagatumye?

    Ewe,erega agatu gatekeye gatera amakenga!.

    Mbe ko Busokoza ari mu Rwanda,ntabwo ubwo butumwa bwoba bufitaniye isano?

    Murantunge,simvuze ko yoba atatumwe n’Imana Data wa twese ahoraho,
    ariko nimba ari yo yamutumye,hanyuma bakanka kumwumva,izotuma n’uwundi: nk’uwo muri Tanzania, Zambia,Togo,Colombia Haïti,Viêt Nam,Australia, Slovakia...

    Eeh Imana irakomeye cane, abo na bo ni yo vyanka, izoca irungikana ubutumwa ibikoko,ibiti,amabuye,umuyaga,...

    urumva rero ko atawokwihutira kuvuga menshi.

  • Abarundi ni mumuhane . Arijye namuhitishamo ashyushye cyangwa akonje kugira ntazongere kubamenyera!!! Najye guhanurira Rwisasiramirambo wacu
    Kagame kuko ni we wikoreye umutwaro uremereye w’amaraso!!!!!

  • Murekure yitahire kuko ubutumwa yarabushikanye kera.

  • UBURUNDI IMANA IRABUKUNDA.PETER NAMWUMVIRE HAMA AHO BITAGENDA AHINDURE KUKO UBUHANUZI BUZA KUGIRA UMUNTU Y’ISUBIREKO ,NTIBUZA GUHANA.

  • yooh!kuvyukuri numuntu asigaye azira ubutumwa bwiza?mana dufashe utubabarire kuk bishobora kuba vyakozwe habaye ho ukwitiranya ibintu(ivugabutumwa

  • nibamuhane,mbega iburundi ntabakozi bimana bariho? imana ntikengera abo yatoranije gutuma abanyarwanda vyokumvikana hamwe muburundi atabo yizigiye bariho ,ariko turiho kandi turateramiye igihugu cacu .

  • IMana ishimwe jewe icombona Niko uwomukozi yorekugwa kuko ntacaha yagirizwa wewe nareme kuko yashikanye ivyoyatumwe nkurunziza abwanke Niko yamubwiye ko imana yamutuvye ivyabavyiza nuko yarikumviriza ubwobuhanuzi akabwanka yabwimvise imana nimana kandi nimbayamutuvye akabwanka agiyekubonibara kuko yagiyeko akanamufuga .mbega mwibaza imana itanuga canke atayiriho twicaye tutarabona ibitangaza imana ikora yemwe barundi bagenzi banje mwarimugiriwubuntu imana kubavugako none ngo NGO nububeshi mbega hamwe bwobaribwukuri ntimubona ko ibigiyekutubako bizobabikomeye nabwimvirize arubwukuri arububeshi ntacazoba namahigwe kandi saba ngo uwomtu arekugwe ntacazira yitahire amen

  • IMana ishimwe jewe icombona Niko uwomukozi yorekugwa kuko ntacaha yagirizwa wewe nareme kuko yashikanye ivyoyatumwe nkurunziza abwanke Niko yamubwiye ko imana yamutuvye ivyabavyiza nuko yarikumviriza ubwobuhanuzi akabwanka yabwimvise imana nimana kandi nimbayamutuvye akabwanka agiyekubonibara kuko yagiyeko akanamufuga .mbega mwibaza imana itanuga canke atayiriho twicaye tutarabona ibitangaza imana ikora yemwe barundi bagenzi banje mwarimugiriwubuntu imana kubavugako none ngo NGO nububeshi mbega hamwe bwobaribwukuri ntimubona ko ibigiyekutubako bizobabikomeye nabwimvirize arubwukuri arububeshi ntacazoba namahigwe kandi saba ngo uwomtu arekugwe ntacazira yitahire amen

  • UMUGAMBI W’IMANA NTUZOSUBIRA INYUMA NAHO YANSE KUMWUMVIRIZA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.