Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Myanmar : Ubutegetsi bwa gisirikare bwari bumaze imyaka 50 bwasezerewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Myanmar : Ubutegetsi bwa gisirikare bwari bumaze imyaka 50 bwasezerewe

Myanmar : Ubutegetsi bwa gisirikare bwari bumaze imyaka 50 bwasezerewe

vendredi 13 Munyonyo 2015, par egide

Umugambwe National League for Democracy utwarwa na Aung San Suu Kyi niwo watsinze amatora y’abashingamateka muri Myanmar.

Inyuma y’imyaka 25 yari iheze, ayo niyo matora ya mbere atabayemwo intureka n’ugushamirana muri ico gihugu.

Umugambwe National League for Democracy muri ayo matora watahukanye intebe nyinshi mu nama nshingamateka, bigatuma ushobora gushiraho Reta hamwe n’umukuru w’igihugu mushusha.

JPEG - 99.7 ko
Aung San Suu Kyi umukuru w’umugambwe National League for Democracy

Aya matora akaba ariyo aje gusezerera ubutegetsi bwa gisirikare bwari bumaze imyaka irenga 50 mu gihugu ca Myanmar.

N’aho biri uko, ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu ntirirekurira Aung San Suu Kyi umukuru w’umugambwe National League for Democracy kuba umukuru w’igihugu, kuko yamaze imyaka igera kuri 15 apfunzwe ic’amaso, inyuma y’aho igisirikare kimwatse intsinzi yari yaronse mu matora yo mu mwaka w’1990.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.