IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > FOCODE : "Ubutungane bw’Uburundi busabwa guheba bukiyambika agashambara"

FOCODE : "Ubutungane bw’Uburundi busabwa guheba bukiyambika agashambara"

jeudi 22 Nzero 2015

Ni agatangaza kubona Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu apfungwa, mu gihe abavuzwe mu matohoza y’igandagurwa ry’ababikira batatu b’abatariyanokazi bo bidegemvya, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe FOCODE.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamaku, umushingwamanza Janvier Bigirimana asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, asaba ubutungane guheba bukiyambika agashambara, bugire amatohoza bufatiye ku vyashikirijwe n’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu, mu gihe abarundi n’amakungu bose barindiranye igishika kumenya uwakoze rirya bara ryo kugandagura ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75.

FOCODE rero igasaba amakungu na Ekereziya Gatorika gukora ibishoboka vyose, kugira ukuri kuri abo bicanyi bagandaguye abo babikira kumenyekane, ndetse abo bicanyi banahanwe hakurikijwe amategeko. Iryo shirahamwe rero rikamenyesha ko rigiye kuzoshira inguvu hamwe n’ayandi mashirahamwe yose yaba ayo mu Burundi na mpuzamakungu, mbere n’abo bose bakunda Uburundi, kugira bafashe Bob Rugurika ntabe ariwe ahanwa mu kibanza c’abo bicanyi.

Umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA akaba yabandanije atera ivyatsi mbere, ikurwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kwa Bob Rugurika umuyobozi wa RPA ajanwa i Muramvya, aho vyari vyakozwe mu kanywababo ntangere, akajanwa n’imodoka itagira iparati ndangamuduga (plaque), ivyasa n’inyuruzwa ryiwe, ndetse kandi bikaba vyanavugwa ko umuyobozi wa RPA yariko ategurirwa gupfungirwa ahantu haja inkozi z’ikibi za karuhariwe.

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike bakaba bahamagiriwe kuguma bafatanye mu nda mu kurwanya bivuye inyuma ingendo y’ubutungane butigenga kandi bukoreshwa. Ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ubuzima buzimvye, abayogeje amatungo ya Reta, n’itegurwa ry’amatora adahumuriza bose akaba arivyo bibazo mw’ishirahamwe FOCODE babona bihanze igihugu .


Aristide Nizigire

Messages

  • Bareke buca tubaka ama diplome zabo,hanyuma turabe iyo bazoja gukora??

  • Pacifique Nininahazwe: ba wubaha umukuru wigihugu ntimungana. Amatora uvuga no mu Bukeye bwa Muramvya uvuka ntawoguha ijwi wewe avec ta diarhéé verbale. Noguhanura kuja kurondera papa wawe mu Bukeye akaguha impanuro. Ntuzoje i Vugizo siho mwenewa! Ntuturiye igihugu ngusigaze kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.