Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
N’igiki twomenya ku camwa c’inanasi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > N’igiki twomenya ku camwa c’inanasi?

N’igiki twomenya ku camwa c’inanasi?

lundi 8 Nyakanga 2014

Icamwa c’inanasi kiraryoshe iyo umuntu akiriye gihiye neza, kandi amazi yaco (jus d’ananas) aramara inyota. Rero nk’ibindi vyamwa, inanasi irafise akamaro ku magara yacu. Mbe none twomenya gute inanasi ihiye? N’ibiki twomenya kur’ico camwa?

Kumenya inanasi ihiye neza n’uko iyo igishishwa kiriko amahwa menshi vyerekana ko irimwo amazi menshi, hama ni kwumviriza ko iremereye, ikomeye kandi ni kuraba ko amababi yayo asa n’ugwatsi rutoto (feuilles vertes),akayagayaga , n’akamoto k’inanasi karerekana ko ico camwa ari ciza canke atari ciza.

Umuhinga muvyo gufungura neza (nutritionniste), Diane Desmarais, avuga ko inanasi irimwo ivyunyunyu vyinshi nka "manganèse " ifise akamaro kanini mu gukura kwa bana hamwe no kU magafa yabo. Inanasi n’ingirakamaro no ku basaza kubera amagufa yabo ata inkomezi bivuye ku myaka myinshi.

Inanasi irimwo kandi ivyo bita "vitamine A, B, B1, C, Potassium, Béta-Caroténe, Magnésium", irimwo n’ico bita "broméline" gituma ivyo umuntu afunguye bimutemba neza (bonne digestion), cane cane imfungurwa zirimwo ibinure (graisse). Iyo "broméline" igafasha kugwanya indwara bita tendinite, arthrite na sinusite.

Kunwa ikirahuri c’amazi y’inanasi imisi yose birafasha kurwanya kudahwa mu gatondo (les nausées matinales). Inanasi ikaba ari nziza cane ku magara yacu yo mukanwa, ya menyo hamwe n’amenyo y’imbere (les gencives).

Ikindi n’uko inanasi ituma umuntu akira ningoga ibikomere n’ubushe, umubiri ugaterana vuba. Kandi irafasha kugabanura amahere (acné). Igipande c’inanasi ugishize ku mubiri kirafasha gukuraho amavuta aza kurukoba.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.