Accueil > Inkino > FOOTBALL > N’ishavu ryinshi, Lionel Messi yatutse abariko bamwifatira mu (...)
N’ishavu ryinshi, Lionel Messi yatutse abariko bamwifatira mu gahanga
lundi 21 Ndamukiza 2014
Abakinyi b’umurwi wa FC Barcelone muri ino minsi ntibatahura ibiriko bishikira umurwi wabo kuko umaze igihe uguma utsindwa. Agashavu rero kaguma kibonekeza kuri abo bakinyi. Lionel Messi yishuye nabi umwe mu bakunzi b’uwo murwi. Kuvuga nabi si ibintu vyari bimenyererwe mu bibereho ya Lionel Messi.
Umurwi wa FC Barcelone umaze igihe utifashe neza. Ugutsindwa kwa FC Barcelone kurababaza bamwe mu bihangange vy’abakinyi kuko bariko batakaza ibibanza vyabo. Ako gashavu kabonetse kuri Lionel Messi amaze gutwara imipira y’inzahabu 4, ari nawe wa mbere afise ivyo bikombe vyinshi kuva umupira w’amaguru wagakinwa kw’isi.
Kuri uwo wa gatanu w’igenekerezo rya 18 Ndamukiza, igihe Messi yari ku kibuga c’indege batahutse bavuye i Valence aho batsindiwe na Real Madrid mu gikombe c’umwami, abakunzi ba FC Barcelone babakiranye ibitutsi vyinshi, aho Messi yateba agashavura bamubwiye ko ari umwana w’igishushungwe. Nawe ati : "Mwa mburakimazi mwe! Mwabuze ico mukora". Ivyo kuvuga amajambo y’ibitutsi ntivyari bimenyerewe kuri Messi.
Ico gihe Messi yatukwa nabi, nawe agahava atwarwa n’agashavu, abakunzi ba FC Barcelone baguma basaba ko umurongozi w’uwo murwi Jose Baromeu n’umumenyereza Tata Martino botanga imihoho.
Bivugwa kandi n’ikinyamakuru Espagnol Sport co muri Espagne ko Messi ashobora kugurishwa, aho kivuga ko umurwi wa Paris-Saint-Germain nawo witeguye gutanga imiliyoni 250 z’amahera akoreshwa i Buraya kugira umutware.
Tubibutse ko kuri uwo w’Imana uheze, umurwi wa FC Barcelone witeturuye utsinda umurwi wa Atletico Bilbao ibitsindo 2 kuri 1, harimwo ica Lionel Messi na Pedro.
Chérif Nkeshimana
Messages
21 Ndamukiza 2014, 18:48, par Tollo
Rwose ndumva atabatuste ahubwo yabakebuye ba mushishoza yavuze ati mwambura kimazimwe none sivyo bo baravuga ntibazi ko iyo ugeze mukibuga ko aba arakazi vyongeye ivyari magera birageruka ntabihora ari vyiza imyaka yose.nibihangane.
21 Mukakaro 2015, 15:08, par Ngendahahayo Fabrice
Nipfuza Ko Leo Messi Yoguma Mur Barcelona
4 Myandagaro 2015, 22:48, par Innocent
Barcelona Niyihangane Intsinzi Ni Gwacu
9 Ndamukiza 2016, 06:28, par Mugiraneza Fabrice
Nuko Nohanura Abobamushavuza Kuvyirinda Cane.
21 Ruheshi 2017, 22:46, par Minani
oya Ahubwo Yarabembereje Kandi Azobatsinda Nuyundi Musi
22 Ndamukiza 2018, 10:44, par Niyonyishu Gistave
non nikuberik Barca iz iratsindwa
5 Rusama 2018, 22:36, par ema gado
ntaco iuzotsinda real muri carrasco mbe n’isaha zingahe?
14 Ruheshi 2018, 19:55, par NIJIMBERE DANIEL
MESSI NUMUKINY WIBIHE VYOSE
21 Ruheshi 2018, 22:12, par niyongabo desire
non bobo bamutuka barikwinjiza bingahe ?ntibazi kumupira widunda,arinz ananirwa ariw twizy abandibo
13 Myandagaro 2018, 09:57, par irakoze jackson
messi nigihangang ntiyihebure azobikora
4 Gitugutu 2018, 21:42, par Ngendakumana Placide
ndakunda amakuru yinkino cane ndetse numugwi wa FC Barcelona