Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Naho afitaniye abana 2 na Lolilo, avuga ko atakimubuza kwubakana na Black (...)
Naho afitaniye abana 2 na Lolilo, avuga ko atakimubuza kwubakana na Black G
mercredi 16 Ndamukiza 2014
Ntikakiri agaseseshwa rumuri ku rukundo ruri hagati y’umuririmvyi Black G na Miss London yahoze ari umugore wa Lolilo, banafitaniye abana babiri. Ivyo bitangazwa ku mirongo ya Facebook yabo, kandi baranavyemeza ko n’ubugeni bushoboka ata camira.
Afitaniye abana 2 n’umuririmvyi Lolilo, asigaye yubakanye na Loriane, uwo si uwundi ni Miss London (akazina yahawe akiri umukunzi wa Lolilo), ubu akaba atazirwa Queen Africano, asigaye ari mu rukundo rwuzuye n’umuririmvyi Black-G.
Urukundo rwemezwa na bose, nta minsi myinshi ruramara kuko bivugwa ko Black G yatanguye gusohokana Queen na Africano mu ntango z’uno mwaka, uwo muririmvyi asanzwe ari n’umugenzi wa Lolilo yahoze ari umugabo wa queen avuga ko vyaje bukebuke bitumwe na whatsapp. Aho bigeze Black G abona ko n’ubugeni bashobora kubugira ata camira, kuko urukundo rworwo ruranengesereye.
Mwomenya ko kuva mu mwaka w’2008, Khadidja azwi ubu kw’izina rya Queen Africano yari yubakanye na Lolilo bafitaniye n’abana 2, bivugwa ko bagiye kuvana kuva mu mwaka w’2013, aho Lolilo yaca yubakana na Loriane.
Chérif Nkeshimana
Messages
17 Ndamukiza 2014, 10:04, par Big nuz
Biratangaje kubona brack -G ,numvako agomba gutwara umugore wumugenzi wiwe kandi banasangiye numwuga wukuririmba mbe!hoho yari yabuze abandi bakobwa bataravyara canke badafise abahabara babo?kandi barimurunganwe rumwe birateye isoni kwumva ibara nkiryo,mbe!hoho lolilo abivugako iki?
3 Ruheshi 2015, 19:48, par HALID
IVY
1er Ntwarante 2016, 21:38, par ELYZEKayanza
NIBARAB UKOBABIGIRA;OK
4 Ntwarante 2016, 21:58, par bruce harerimana
nyimba lolilo batakiri murukundo nuyo mukobwa nibarushing nyimbabavyiyumvamwy
4 Ntwarante 2016, 22:01, par bruce harerimana
nyimba lolilo batakiri murukundo nuyo mukobwa nibarushing nyimbabavyiyumvamwy