Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruhome rugabura Kenya na Somaliya rugiye kwubakwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uruhome rugabura Kenya na Somaliya rugiye kwubakwa

Uruhome rugabura Kenya na Somaliya rugiye kwubakwa

mercredi 25 Ntwarante 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya yatangaje ko hagiye kubakwa igihome kinini, ku rubibe igihugu ca Kenya gihana na Somaliya. Ibikorwa vy’inyubako y’urwo ruhome bizotangura mu ndwi igiye kuza, akaba ari mu buryo bwo kwirinda ibitero vy’umurwi w’abihevyi ba Al-Shabaab.

Mu gihugu ca Kenya hagiye gutangura ibikorwa vyo kwubaka uruhome rugiye kugabura igihugu ca Kenya n’igihugu ca Somaliya. Abashingamateka bo mu bisagara vy’ubuseruko bw’igihugu ca Kenya barashingikiye uwo mugambi, mu gihe abandi babona ko bigiye gutera intambamyi ku banya Somaliya bahora bagira uruja n’uruza muri ivyo bihugu uko ari bibiri.

Uwo mugambi wamenyeshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Joseph Nkaissery, mu ntumbero yo gukingira umutekano w’igihugu ca Kenya, na cane cane kwirinda ibitero vy’umurwi w’abihevyi ba Al-Shabaab.

Mwomenya ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatanguje uwo mugambi, kandi ko vyari bitegekanijwe gushira urwo ruhome ku gace ka Lamu, kugira bashobore guhagarika ibitero vya Al-Shabaab, mugabo abagize Reta y’igihugu ca Kenya baciye bahitamwo gushira urwo ruhome ku rubibe rugabura igihugu ca Kenya na Somaliya.

Abadashingikiye uwo mugambi muri Kenya basaba Reta ko imbere yo gushira mu ngiro uwo mugambi, bokwiyumvira ku buzima bw’abanyagihugu ba Somaliya bamaze imyaka n’imyaka baba muri ivyo bihugu uko ari bibiri, kandi bakora uruja n’uruza muri ivyo bihugu bakoresheje indogobwa.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.