Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
NASA yatoye amazi ku mubumbe Mars - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > NASA yatoye amazi ku mubumbe Mars

NASA yatoye amazi ku mubumbe Mars

mardi 29 Nyakanga 2015

Ikigo c’Abanyamerika kijejwe gukora ubushakashatsi mu kirere NASA, catangaje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015,ko catoye amazi atemba ku mubumbe wa Mars, ariko ko ubuzima budashoboka bivuye kuko imeze.

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rimenyesha ko ayo mazi ameze nk’umunyu wayonze nk’uko haheze imyaka myinshi bizwi, kandi akaboneka mu bihe bitandukanye kandi akaba atawuramenya ico bivako.

Ibi bisigura ko icari giteye amakenga kuri uyu mubumbe ,gishobora kumenyekana mu minsi ya vuba kuko ubushakashatsi bubandanya.

Iyi nkuru ivuga ko aya mazi atarico kimenyetso c’ubuzima kuko bidashoboka ko ibiremwa vyotungwa n’urunyigimbe “chlorates” ugereranije n’uko ubuzima bumeze kw’isi.

Ariko guhika ubu abahinga ntibaratahura ukuntu hari ibiremwa bimwe bimwe bishobora kwihanganira kuba ahantu ubuzima budashoboka.

Ariko kandi biribazwa ko ayo mazi yoba hari ahandi hantu ava haba mu kirere canke mw’isi.Ku mubumbe Mars kandi haribonekeza kandi urumwe rwo mu gatondo.

Ibi bituma hari abibaza ko mu myaka myinshi iheze kuri Mars hari ubutote bwinshi, ibiyaga n’imigezi, bityo ayo mazi akaba yarashushe agatumukira mu kirere agahinduka urubura rwo mu mpera y’isi, iya ruguru canke iy’epfo.

Mars ni umubumbe wa kane uvuye ku zuba, ukaba ari umwe mu mibumbe mito ishikirwa n’izuba.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.