Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Natalia Trukhina : ’’Nakoze rimwe gusa amabanga mpuzabitsina ntivyandyoheye’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Natalia Trukhina : ’’Nakoze rimwe gusa amabanga mpuzabitsina ntivyandyoheye’’

Natalia Trukhina : ’’Nakoze rimwe gusa amabanga mpuzabitsina ntivyandyoheye’’

lundi 22 Ruheshi 2015

Ku myaka 23 gusa, Natalia Trukhina amaze kuba uwa mbere amaze kuronka imidari myinshi mu banonotsi bo ngaho mu gihugu c’Uburusiya, mbere no mu mahiganwa mpuzamakungu.

Natalia yamenye ingabire iri muri we afise imyaka 14, yakuze akunda imikino y’inguvu ; na canecane iyo kugwana ;ico gihe agifise imyaka 14 yapima ibiro 40. Uwo mwigeme kubera ingene yakuze n’imyimenyerezo yagira, vyatumye aba umwe mu bigeme bakomeye kw’isi ivyo navyo bituma abagabo benshi batamwiyumvamwo.
Natalia Trukhina apima cm168 ibiro 92 amaboko cm 50 , amaguru cm 80 ashobora guterura ibiro 240 gushika ku 300. Haheze umwaka umwe gusa Natalia atwaye imidari ibiri y’isi(record in armlifting),uwo mwigeme ubu aza ku rwego rwo hejuru mu banonotsi b’i Buraya, kandi biboneka ko no mu myaka akiri muto.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru deall mail aon line co ngaho mu Burusiya, avuga y’uko atawohirahira ngo amuhangare mu kumukengera canke kumutuka uwariwe wese yomwivuna. Kuri we avuga ko yumva ikibazo co kuzokwubakana n’umugabo ataco yiyumvamwo, ahubwo yumva guterura ivyuma arivyo bimuryohera kurusha kuryamana n’umugabo canke kwubaka.

Amafoto yiwe kumwanya kumwanya araja ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, nk’uko bisanzwe harabashima ibikorwa vyiwe n’ababigaya ariko wewe yafashe intumbero yo kutazosubira ku za arishura ibibazo vy’ikibiriraho(en ligne direct)kuko abamutuka bihora bishika akamena inyabwonko yiwe canke ngendanwa yiwe kubera ishavu ry’ivyo bariko baramubwira.

Natalia Trukhina aheraheza avuga ko gukunda nawe arakunda ariko yemeza ko kuva abaho amaze kurangura imibonano mpuza bitsina rimwe , naho nyene yasanze ataburyohe na bumwe burimwo akaba yahisemwo kugira abahungu b’abagenzi bagirana ikarashsishi, atari abahuza ibitsina nawe.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.