Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi - Tanzanie : Impande zompi ziteze intsinzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Tanzanie : Impande zompi ziteze intsinzi

Burundi - Tanzanie : Impande zompi ziteze intsinzi

dimanche 7 Nyakanga 2014

Abarorerezi hamwe n’abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi "Intamba mu rugamba" n’aba Tanzaniya "Taifa Stars" barindiranye igishika kumenya uwuhava atahukana amanota atatu mu rukino ruhava rubahuza, uwo nawe akamenyekana ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana. Mu rukino rw’ugutangura, Intamba mu rugamba zari zatsinze "Taifa Stars" ibitsindo bitatu ku busa.

Urwo rukino rw’ugusubiriza rubera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, isaha icenda z’umuhingamo kuri uwu w’Imana. Rubaye inyuma y’urw’ugutangura rwari rwabereye i Dar Es Salam, igenekerezo rya 26 Ndamukiza, aho Tanzania yahimbaza imyaka 50 yari irangiye habaye ubwiyunge hagati ya Tanganyika na Zanzibar, muri urwo rukino Uburundi bukaba bwatsinze Tanzaniya 3 ku busa.

JPEG - 79.3 ko
Umurwi nserukiragihugu "Intamba mu rugamba" mu myimenyerezo

Mu gihe impande zose zizeza ko ziteguriye kuronka intsinzi, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya abona nka hamwe botsindira Intamba mu rugamba mu Burundi, bizobatuma baronka ikibanza ciza ku rutonde rwa FIFA. Uwo mwizero w’umumenyereza wa Tanzaniya uboneka nk’impfagusa kuri Tambwe Hamissi, umwe mu basatirizi b’Intamba mu rugamba, akaba asanzwe akina mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzaniya. Umukinyi w’umusatirizi Tambwe Hamissi ari mu murwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba akina no mu murwi Simba Super Sport, araremesha abakinyi basangiye urukino rwo kuri uwu munsi w’Imana n’umurwi nserukiragihugu Taifas wo muri Tanzaniya. Kubwa Tambwe HAmissi, gukina n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya nta bwoba kuko abakinyi bawukinamwo bose barazinanye. Ati :"Nta bwoba uwo murwi wodutera kubera duheruka no kuwutsindira iwabo bitatu ku busa".

JPEG - 44.7 ko
Tmbwe Hamissi, umusatirizi w’Intamba mu rugamba

Tambwe avuga ko umukenyuro w’igihugu ca Tanzaniya mu mupira awuzi, ari naco gituma badashobora kubaca mu ryahumye.
Uwo musatirizi aravye mu kibanza c’imbere akinamwo asanga umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watumyeko abakinyi batari bahuje ikibanza (numero) avuga nka Didier Kavumbagu na Saido Ntibazonkiza bose b’abasatirizi, bakina hanze y’Uburundi. Umumenyereza niwe azomenya uwo atanguza kuko ku bwiwe bose barashoboye. Ati : " Akamaro k’umusatirizi n’ugushikana umupira mw’izamu ata gukebaguzwa". Tambwe aragaruka akavuga ko naho botsinda Tanzaniya batokwijajara kuko bimirije inkino za CECAFA, ku bw’ivyo agasaba abarongoye inkino z’umupira w’amaguru mu Burundi ko borondera inkino nyinshi za kivandimwe mu ntumbero y’imyiteguro. Urubanza rucika kuri uwu w’Imana, igihe c’isaha icenda.

Abakinyi 20 Tanzaniya yatumyeko, bakaba baramaze gushika, bamaze iminsi bimenyereza

Mwadin Ally (Azam FC), Deogratias Munishi Dida (Yanga), Shomari Kapombe (Azam FC), Oscar Joshua (Yanga), Said Morad (Azam FC), Nadir Haroub Canavaro (Yanga), Kelvin Yondani (Yanga), Joram Mgeveke (Simba), Simon Msuva (Yanga), Erasto Nyoni (Azam FC), Himid Mao (Azam FC), Amri Kiemba (Simba), Haruna Chanongo (Simba), Salum Abubakary (Azam FC), Mwinyi Kazimoto (Al Markhiya yo muri Quatar), Hamis Mcha (Azam FC), Juma Luizio (Zesco FC, Zambia), Mrisho Ngasa (Yanga), Mbwana Samata na Thomas Ulimwengu (bompi bo muri TP Mazembe, RDC).

JPEG - 70.7 ko
Umurwi nserukiragihugu "Taifa Stars" wa Tanzaniya, mu myimenyerezo

Abakinyi b’Intamba mu rugamba batumweko

ARAKAZA Mc Arthur (Flambeau de l’Est), BIHA Omar ( Vital’o Fc), HABONIHANKUYE Innocent (LLB), KIZA Fataki (LLB), HAKIZIMANA Issa Vidic (LLB), NDIKUMANA Yussuf Lule (LLB), HARERIMANA Rashid Leon ( LLB), NSHIMIRIMANA David ( Vital’o Fc), Didier KAVUMBAGU (Azam, Tanzania), Pierre KWIZERA ( Simba, Tanzania), Saidi NTIBAZONKIZA ariwe Kizigenza (Akhisar – Turquie), MAVUGO Laudit (Vital’o Fc), NININAHAZWE Fabrice ( LLB), SHABANI Hussein Chabalala (Vital’o Fc), NAHIMANA Shassir (Vital’o Fc), NZIGAMASABO Styve (Vital’o Fc), MVUYEKURE Emmanuel (LLB), KAZE Gilbert Demunga (Vital’o Fc), UWAYEZU Nice Francky ( Messager Bujumbura), NIYONKURU Nassor ( Athletico Olympic), Tambwe AMISSI (Simba-Tanzania), DUHAYINDAVYI Gael (LLB), SABUMUKAMA Ennock (Messager Ngozi), Idi Saidi JUMA (LLB), MUBANGO Tresor (Athletico Olympic).


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.