IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ndayizeye ati : "Abasambura amashirahamwe canke imigambwe iminsi yabo (...)

Ndayizeye ati : "Abasambura amashirahamwe canke imigambwe iminsi yabo iraharuye’’

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Mu gihe imwe mu migambwe yama yagiriza umushikiranganji Edouard Nduwimana, ko ariwe ari kw’isonga mu kuyisambura afashijwe n’umugambwe akomokamwo CNDD FDD, uwahoze ari umukuru w’igihugu Domisiyano Ndayizeye amenyesha ko ivyo bishobora kugirira ingarukambi umugambwe CNDD FDD, mu gihe iyo ntumbero isa n’aho ari iyishaka gukoraniriza abarundi bose, b’amoko yose mu mugambwe umwe rudende.

Uwo yahoze ari umukuru w’Uburundi avuga ivyo yisunze imirwi y’imigambwe yasambutse, aho usanga amashami ya zanyakuri yararwiriye, abanywanyi b’imigambwe nabo bashatse kwiyunga ubutegetsi bukababuragiza, aho agatanga akarorero k’umugambwe w’abadasigana UPRONA. Umukenguzamateka Ndayizeye rero akaba yamenyesheje ko bitebe bitebuke imigambwe yagiye irasambuka, canke isamburwa n’ubutegetsi izoteba ikiyunga. Avuga ko yaba umugambwe FNL wo kwa Agaton Rwasa wasambuwe ishami rimwe rigatwara Jacques Bigirimana canke UPD zigamibanga waciwemwo amashami rimwe rigatwara Mugwengezo irindi rigasigarana Feruzi canke FRODEBU wasambuwe ukavamwo ishami rya FRODEBU Nyakuri, eka na UPRONA waraye uhawe Niyoyankana, ariko abanywanyi bakaguma bemeza ko indongozi bashigikiye ari Nditije, bitebe bitebuke iyo migambwe yose izoteba ikiyunga nk’uko uyo munyacubahiro yabandanije abivuga.

Avuga ko, abo basambura imigambwe ubu bariko bitera ingorane, kuko hazogera igihe badashobora gushira ku murongo abantu babo, na cane cane gushira ku mirongo abazoba bavuye mu yindi migambwe baja mu wabo. Ivyo rero nk’uko Ndayizeye abivuga, bishobora gutuma ugukurikirana abanywanyi bibagora, umugambwe ukaja kwisanga usigaranye ibice icumi gusa, mirongo icenda vyaramaze kugenda. Abategetsi bagenzwa no gusambura imigambwe akaba abahanura kurekera ubwigenge iyindi migambwe n’abanyagihugu, kuko abakora ivyo iminsi yabo iharuye nk’ujko yabandanije abivuga.

Umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi

Asaba kandi abafise utugambwe dutoduto tudakomeye nabo kuja hamwe, bakagira imirwi ikomeye canke imigambwe ifise inguvu kuko kenshi, imigambwe mitomito ariyo ikunda kuba nk’ibikoresho, abayirongoye babanje kwemererwa nk’ubuzi canke ayandi maronko atanafashe. Asaba Reta kurekera ubwigenge amashirahamwe n’imigambwe, ireke kwinjira mw’itunganywa ryayo.

Avuga ko nk’ivyashikiye abashingwamanza aho babujijwe kugira inama, umukuru w’urwego rwabo akakwa uburenganzira bwo kuburanira abantu, bitazotuma urwo rwego rucika inkokora, eka kandi avuga ko urwo rwego bidasigura ko rutazosubira kugira inama. Aha atanga karorero k’abari mu runani ADC Ikibiri bagiye barakubitwa, Reta ivuga ko urwo runani rutabaho, kandi rutemewe n’amategeko. Ndayizeye ati kugeza uyu munsi urwo runani ruraho, rukora ukuri kwamye.

Ku bwiwe rero, ugusambura imigambwe canke amashirahamwe kugira umugambwe uri kubutegetsi usigare wonyene ntibizorohera umugambwe CNDD FDD, Kuko abarundi aho bageze ubu, baramaze kumenyera ubwigenge, n’ubwisanzure mu mashirahamwe, canke imigambwe barimwo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.