Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri na UPRONA bariyamiriza igenwa ry’icegera ca mbere c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri na UPRONA bariyamiriza igenwa ry’icegera ca mbere c’umukuru (...)

ADC Ikibiri na UPRONA bariyamiriza igenwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA urongowe n’umushingamateka Karori Nditije bavuga ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mushasha Prosper Bazombaza atarungitswe n’umugambwe wa Rwagasore, ariko yarungitswe n’abahemukiye uwo mugambwe, bafashijwe n’umugambwe CNDD FDD.

Umushingamateka Karori Nditije akaba amenyesha ivyo mu gihe Bazombanza Prosper yemejwe ata mudasigana n’umwe arimwo, atari umushingamateka Niyoyankana Bonaventure wenyene, uwo nawe ivyiwe akavuga ko bizwi ko adashaka ukwiyunga kw’abadasigana. Abandanya amenyesha ko Prosper Bazombanza aje gushigikira inyungu z’umugambwe CNDD FDD, na cane cane ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, hamwe no gufasha uwo mugambwe uri ku butegetsi guhindura zimwe mu ngingo z’ibwirizwa nshingiro. Avuga ko aje kubwa CNDD FDD, ariko ataje muri ico kibanza kubw’umugambwe wabo UPRONA.

Bazombanza Prosper akaba yimitswe muri ayo mabanga, mu gihe intara avamwo ya Mwaro, Abadasigana baho bari bamusavye kutohirahira ngo yumve amahendancuti ya Niyoyankana Bonaventure, Concilia Nibigira na Gaston Sindimwo, narirya abo bose ukwo ari batatu bari bahagaritswe mu mugambwe, ndetse bamwe muri bo bakanavyiyemerera. Uwo munyamwaro w’imyaka 54 y’amavuko akaba yarahiye imbere y’umukuru w’igihugu n’abandi banyacubahiro, ata n’umwe mu bigeze kurongora igihugu barimwo, ata n’umwe mu bashingamateka ba UPRONA na FRODEBU Nyakuri barimwo, na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo nka Reta zunzubumwe z’Amerika, Ubufaransa n’Ububirigi nabwo bakaba batahakojeje akarenge. Benshi bakaba bari abashingamateka ba CNDD FDD n’abasirikare hamwe n’abaporisi.

JPEG - 88.3 ko
Karori Nditije

Karori Nditije rero akaba asaba Abadasigana gukanura kuko biboneka ko umugambwe CNDD FDD ufise intumbero yo kunigira mu menshi umugambwe wabo no kuwuzimanganya, afashijwe na bamwe yita ibihemu. Asaba abadasigana kutemera ko uwo mugambwe wabo usamburwa barorera, ariko kandi akabasaba kuguma batekanye, ntihagire uwurya urwara uwundi, amategeko akaba ariyo bagiye kwisunga, kugira umugambwe wabo ntusamburwe ku nyungu za bamwe.

Mu runani ADC Ikibiri basaba nabo amakungu kurabira hafi Uburundi kuko indyane za poritike zishobora kwaduka, abantu bakanigurwa atacamira. Léonce Ngendakumana, umukuru w’urwo runani agatangazwa n’ingene icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ashobora kuba yarahiye, umugambwe avamwo utamurungitse, ntiwitabe n’ico gikorwa, eka n’iyindi migambwe iri kumwe na CNDD FDD muri Reta ikiyamiriza iyo nyifato y’umugambwe uri kubutegetsi yo guhonyanga amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro. Iyo ngendo kubwa Léonce Ngendakumana akaba ari iyije kuzivya abo bose banka amakosa akorwa muri iki gihugu, n’abashaka ko amategeko akurikizwa, ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza n’ihinduka ry’ibwirizwa nshingiro bigaheza bigashikwaho nk’uko vyagumye vyipfuzwa na CNDD FDD.

JPEG - 56 ko
Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri

Tukabamenyesha ko abarabira ibintu hafi na hafi muri poritike y’Uburundi bamenyesha ko umugambwe CNDD FDD uriko urunga ubushuti bukomeye n’uturwi tw’imigambwe yiyita nyakuri, ndetse ukagiriranira ubucuti n’utwo turwi, ugatinya kugiriranira ibiganiro n’imirwi ikomeye. Batanga akarore k’umugambwe FNL, aho bigaragara ko Rwasa Agaton ariwe afise abanywanyi benshi kuruta Bigirimana Jacques co kimwe no muri UPD Zigamibanga aho Mugwengezo Chauvineau afise abantu benshi kuruta Zedi Feruzi, ubu naho, bikaba vyigaragaza ko UPRONA irongowe na Karori Nditije be na Ngayimpenda Evariste aribo bemewe n’Abadasigana benshi, iyo mirwi yi itatu tutibagiye na Sahwanya FRODEBU ikomeye ikaba idacana ubu uwaka na CNDD FDD, ndetse iyo mirwi nyene ikavuga ko isamburwa n’ubutegetsi kw’isonga hari Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Twobibutsa kandi ko no mu kiganiro umwe mu bigeze kurongora Uburundi, asanzwe ari ni nararibonye muri poritike y’igihugu yahaye ikinyamakuru IGIHE ku munsi w’ejo, yavuze ko ingendo yo kugiranira ibiganiro n’uturwi dutoduto atari ingendo nziza muri poritike. Kubwa Sylvestre Ntibantunganya, mu myaka yaheze, ibiganiro vyagizwe na Reta hamwe n’uturwi tudafise ijunja ntaco vyashitseko atari kugumiza igihugu mu ndyane, ariko kuva aho Reta y’ico gihe iboneye ko kugiriranira ibiganiro n’imirwi minini ifise ijunja mu gihugu, vyatumye indyane zihera.


Aristide Nizigire

Messages

  • abaserukira ibihugu vyabo banse kuza kwitera umukoshi baraba izo mbunuza z’aba dd zitanize bihagije. muriyi minsi petero asigaye akora ibintu nk’umuntu arwaye ibifukunyi

  • mutama leonsi urabona mukanwa kawe ntaciza kivamwo.reka kuba ntahonfatwa ;intambara wavuze une wavyaye abahungu benshi uzoyijanamwo!

  • IKIBAZO? mbega kubera iki mu Burundi mu gihe cose yaba mu gutora amategeko canke yaba mu kwemeza abategetsi bagiye kurongora ikintu kanaka mu gihe biba birimwo induru, kuki hakoreshwa ubukerebutsi budasanzwe kurusha ibindi bih vyose mu kuyemeza canke mu kubemeza? igihe frederiko bamvuginyumvira arementanirizwa ikintu ca mbere cabaye cari ico kunyarukira ku mboneshakure kuvuga ko yafashwe asambana akaba yagirizwa icaha co gutosekaza imico y’barundi.2akarorero igihe itegeko rijanye n’umwuga wo kumenyesha amakuru ritorwa abantu bakoma amaruru icabaye kwabaye ukuryemeza vyihutirwa 3. twovuga ukungene icegera c’umuvugizi wa Reta Willy Nyamitwe yihutiye na cane cane ku binyamakuru amenyesha ko umukuru w’igihugu yamaze kuronka amazina azotoramwo icegera ca kabiri c’umukuru kandi bitari bimenyerewe nk’uko vyavuzwe na gereturuda kazoviyo n’utundi turorero twinshi cane. IKIBABAJE CANE ni gute hari ubusuma bwama bwashizwe ahabona yaba mu masendika ehe REGIDESO ,FALCON 50, Amanda drinks ,ingorane zashikiye abanyesoko ,ehe imyuzurira ,n’ibindi n’ibindi ni kuki ingingo zitihuta kunyaruka vuba na vuba. NDABAHANURE BARUNDI NI MUKANURE MUBONE KO ABANYEPORITIKE ntaciza babagombako babashakako amajwi gusa bwaca bakabata mu kiyaga aho mutazoronka n’uwubaroba.

  • Mu bisanzwe,uno musi niho vyagaragaye neza ko yaba umurundi canke umunyamahanga,umwe wese yerekanye aho ahengamiye.Ni ukuvuga ko uwutaje wese hari ikindi ariko arategurana n’abo bose batitavye.Ariko boshaka bobiheba kuko ivyo Imana igomba ari vyo biba vyiza.Aho babukaranga abandi bari munsi y’urujo.Iyo witegura kugendera umuntu nawe yitegura kukwakira kugusumvya.
    INYENZI Y’ISEMA YURIRA UMURUNDI W’ INKOKO

  • Mbe burya uwomutegetsi bashijeho aremewe agiye kurongora bande mugihe bose bamwiyamiriza ntubona kohagiye kwaduka inabi mugihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.