Accueil > Amakuru > Poritike > Nditije : "UPRONA iziyunga n’abashaka ko CNDD FDD itsindwa mu (...)
Nditije : "UPRONA iziyunga n’abashaka ko CNDD FDD itsindwa mu matora"
vendredi 1er Myandagaro 2014
Umugambwe w’Abadasigana UPRONA ugiye kwiyunga n’abantu bose bipfuza ko ibintu bihinduka mu Burundi, ivyo bikaba bishikirijwe n’umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe aramutswa uwo mugambwe.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umushingamateka Karori Nditije akaba yavuze ko bazokwifatikanya n’uwo wese yipfuza ko umugambwe CNDD-FDD utosubira gutwara igihugu. Ivyo, uyo mushingamateka akaba yabivuze kuri uyu wa 1 Myandagaro, mu gihe vyari bimaze igihe binugwanugwa ko umugambwe UPRONA uvuga ko utari mu nzego, uriko uragirana imibonano n’urunani ADC Ikibiri, mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015. Muri ico kiganiro, umushingamateka Karori Nditije yagarutse ku biriko vyagirizwa umurwi CENI ko uriko ufashanya n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, mu gutegura intonde z’abazoba bajejwe gutunganya amatora mu makomine hamwe no mu ntara, aho avuga ko bariko baca inyuma y’ivyo abanyeporitike bemeranije mu rupapuro rw’inzira.
Karori Nditije akavuga ko abanyagihugu, abari mu mashirahamwe yigenga hamwe n’abandi bose bari mu migambwe bohamerera magabo, kuko amatora yibwa mu ntango, mw’itegurwa ryayo. Ibiriko biravugwa navyo ko amakarata karangamuntu yoba ariko arahabwa abatarakwiza imyaka canke abandi bagahabwa zitatu canke zirenga harimwo n’abanyamahanga, Nditije avuga ko bagiye kubikurikiranira hagufi, kugira bize bishikirizwe hakiri kare hamwe vyoba arivyo.



Aristide Nizigire
Messages
1er Myandagaro 2014, 13:39, par BAKAME
NDITIJE NI MUPANGE KABISA AKARERE NAHO ABO BA DD BOTSINDA NTIBAZORENZE 50% KUBERA NATWE ABA DD BENEWABO BATUGEZE AHANTU MUMANYANGO .CANECANE ABO BIYITA ABA GENERAUX
1er Myandagaro 2014, 13:44, par methode
karibu mu kibiri twababwiy kera mugira murakwefye nimuyabone tuvuga mwihoza
1er Myandagaro 2014, 13:50, par Mutama
Aba baporona ubuho kirabagiy,nasaba nshimitse kwatamuntu yokwemera kwiyunga nabo kuko niba berahino,uko bahenz iyindi migambwe muri 2010 twarabibonye ubu ntagiti kizongera kudukora mujisho kabiri!ibiriko biraba mugihugu vyos nabo babifisemwo uruhara!abo batutsi biyita incambwenge kumbe nivyo bijuju vyambere dufise mugihugu!abarundi dufatan munda turondere kazoza keza kigihugu cacu hama bampema zuzuy tubime amatwi!murakoze
1er Myandagaro 2014, 14:02, par Paul Sinzinkayo
Iyo ngingo n’iyo ikwiye nyene. Nimwihoze Concilia et consort , ntibasubire kubasamaze ! Ja hamwe na ADC Ikibiri mukure abo ba CNDD FDD kuko niyo ntango n’iherezo zingorane zose ziba mu gihugu, eka n’izo Uprona ifise . Mukuye CNDD FDD ni nkukumena umubindi w’urwarwa, ubutuku bwose butuma iruhande bwose aho wabubonye! Ubwo butuku , ni bwa Concilia, Sindimwo... None ko urukanywa mu mubindi ari urwaba CNDD FDD!
1er Myandagaro 2014, 14:02, par Paul Sinzinkayo
Iyo ngingo n’iyo ikwiye nyene. Nimwihoze Concilia et consort , ntibasubire kubasamaze ! Ja hamwe na ADC Ikibiri mukure abo ba CNDD FDD kuko niyo ntango n’iherezo zingorane zose ziba mu gihugu, eka n’izo Uprona ifise . Mukuye CNDD FDD ni nkukumena umubindi w’urwarwa, ubutuku bwose butuma iruhande bwose aho wabubonye! Ubwo butuku , ni bwa Concilia, Sindimwo... None ko urukanywa mu mubindi ari urwaba CNDD FDD!
1er Myandagaro 2014, 14:02, par zuzu
ewe! nditije nawe vyakugoye kweri. hirya yejo haheze wagiho utumako abana bacu ngo baze bagufashe kwiyamiriza inama ya consilia tubura nitike yoku tudugana none ubu ngo imyaka, ngo karangamuntu wowe ureba ushaka amajwi angahe ngo utsinde amatora
1er Myandagaro 2014, 15:11, par ZUZU
nagomba ndaguhanure wowe sinzinkayo ururubuga surwo gutukanirako wumve neza ko Consilia numutegetsi umwubahe kandi ntiyakubujije gukunda uwo ushaka niba ukunda nditije ntaco gusa womuhanura nditije nta zoze aragumuka kuko yariye vyinshi vya uprona
1er Myandagaro 2014, 15:29, par sazisi
hehehehe nditije ndabonye warapararanganye mumutwe!!abobantu babiri murikumwe nimwe mugiye guhindura ibintu!!huhuhuhu umufu niyinukira.ahubwo imvyaka wamaze urenganya abantu iramaze tekereza abagezweho batware.kuko ntvto ugishoboye.
1er Myandagaro 2014, 16:41, par Birahinduka
Kiyunga na uprona cari iciyimviro ciza ariko ingorane yabo n’uko ari ba barasukana!Kwongera kwibaza ko abantu bafatanya n’abo murugamba nibaza ko ari ama risques kuko igihe cose bazobona akarusho katari mubo bari kumwe baca bahindukaubwo nyene.Rero,ico nohanura ADC,nibabemerere bafatanyeariko ntibazigere bemera gukorera kuvyiyumviro vyabo (abaporona).Kuko ibiriko biba n’ingarukaz’inkono batetse kuva uburundi bwikukira.Iza recemment n’izi zkinyuma ya 2010.Ivyo ndabisavye nshimitse abari muri ADC.
1er Myandagaro 2014, 17:48, par manzi
Yoooo Mutama Nditije aba DD barikurushi ntibashobora kurengana we niwumvikne na GWASA hama ibisigaye tubakaraange bagend,amazimayongwe
1er Myandagaro 2014, 20:07, par uwubizi
Vyose bizovana n´ugushaka kw´abagize opposition. FNL yenyewe ni iyiri kumwe na Rwasa kuko ni we afise abanywanyi, Uprona yenyewe ni iyiri kumwe na Nditije kuko niwe afise abanywanyi. Hamwe rero Rwasa, Nditije, Minani na Léonce(les 2 ailes du Frodebu), MSD, CNDD(Nyangoma) n´abandi boja hamwe bagaca bagerageza gucungera neza abo bagabo ntibibe nka mbere, amatora yoca avamwo ikintu ciza cane kuko CNDD/FDD izoba iri hamwe na Concilie et Gaston. N´aho yoja hamwe na Jacques Bigirimana résultats ntizishobora kuba nk´izo muri 2010. Parlement, amakomine yo muri Bujumbura Mairie, Bujumbura rural n´ahandi hatari hake hoba aha opposition. Muri ico gihe politique y´uburundi inyuma y´amatora yoba iryoshe cane kuko forces zizoba zisa n´izingana. Les politiciens de l´opposition rero nimureke gushihana mwicare hamwe mwumvikane ijambo rimwe. Dufate ko mutanatsinze amatora ariko ntibizomera nka 2010 aho CNDD/FDD yikubiye vyose none ikaba iriko yicisha abanyagihugu inzara mu kunyunyuza na duke bari bafise.
Abo baca bazanamwo ivy´ubuhutu n´ubututsi ni ukugira bahende abahutu ngo ni ivy´amoko kugira berekane ko CNDD/FDD ariyo ikwiye kuronka amajwi yabo gusa. Iyo ni iturufu yo guhenda abanyagihugu kandi vyaramaze kuboneka ko batarajwe ishinga nabo kuko n´ejo bundi badugije ama taxis n´amakori kugira bagume birira batitaye ku neza y´umunyagihugu. Or abahutu nibo benshi mu gihugu kandi nibaza ko abakene ari benshi muri bo.
1er Myandagaro 2014, 20:28, par UMWAMI
Aba porona muyoboka nditije,musigaye murinkehwa kweri!!!,yoooooooo nintebe zimwe zimwe mwazihinduye ameza,nditijeweeeeeeeee,unteye ikigongwe nukuri,habuze abantu muzicarikako kabisa.barundi mwese INKEHWA zisigaye muri iprona yo kwa nditije yemwe.tabaranya mwirikire mukibiri,kuko ntayandi mahungiro mugifise.ariko ntimuzokizanya na ka Leonce kuko nako nakabingwa,ntimwibaze ngo ruritaha,muzobanza gukora gashime ndabarahiye!!.
2 Myandagaro 2014, 00:11, par Bumwe
ADC mukihenda mukaja hamwe nabo banja iyo biri kazoba kabananiye .mwibuke ko bavuze ko bazokeburaleta bayirirmwo
3 Myandagaro 2014, 13:21, par BAZOGENDA BARARWIRA
emwe ga ye;Abamporona kabananiye pe!
Iyo umuntu yibagiye akaja gusaba uwo yimye yibaza ngo yaramuhaye!!!!!!!!
Eka biba biteye ikigongwe!!!!!
3 Myandagaro 2014, 13:44, par BAZOGENDA BARARWIRA
Mbega ko tuzi ko abaporona ,muri kamere kabo bama bipfuza caaane gutwara,
ubwo ni bashika muri ADC ntibazohava bibagira ko Leonce ari we atwara ADC-ikibiri?
4 Myandagaro 2014, 16:28, par matana
Turagushigikiye .......kandi biguma vyoroha DD iragenda kuko ntaco bakoze atari kumara ABANTU.Nu guteranya abanwanye.
bageeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeende pe .
4 Myandagaro 2014, 20:12, par RUTOVU
matana,umwana yankwa niwe akura,mbere iyakuze araba igihangange,akaba rurangiranwa no makungu,muzica nagahinda mumisi iza.rindira gato tubakurire inkoni kugishitsi,tuzobatangaza nkambere,CNDD-FDD tsinda nkambere,ntibakorako!99,9%.kuburaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaaa!!!!
5 Myandagaro 2014, 10:54, par matana
erega Rutovu sinanka aba DD ni nabagenzi beeeshi ! nanka ibikorwa BIBI bakora kandi sibooose babikora !ni yo mwastinda Ntibikabe !mugahindura ibikorwa bibi, ababikora mukabahindura .hanyuma bagahanwa ,hakaza abubaha abantu bazi ko umuntu afise agashusho k’IMANA RUGIRA VYOSE.TWOREKA KUBASHIGIKIRA YAMARA!!! Hinduka mu mitima yanyu hama mutsinde.
5 Myandagaro 2014, 13:47, par yohanawumuheto
mutama RWASA AGATHON ni we azokiza uburundi indyane zakizingamitse.
Komera mutama! Imana muri kumwe ni Agahambaye!
5 Myandagaro 2014, 15:44, par deomaxime
emwe uwarivuze ntiyabeshe ADC mwibagira ningoga sinarinigeze niyumvirako harumurundi yokwibagira imyaka irenga30 abaporonabatwaye ICO ciza bagomba kuzanira abarundi unomusi nigiki tutabonye 1993 , 1972,niyindi ntavuze mwese muzi abafata ingendo muriba muribagiye kajeke muramvya matana ngoma mwaro kibumbu ago haheze imyaka niyindi ab antu bururutwsa imiduga bicwa bunyamaswa nabari bajejwe kubakingira atacamira ago umuhutu wese yitwumwasaya singomvye kuvyura akahise ariko namba hairi umurundi yibagira ayo mabiyose yashikiye uburundi nabarundi akavuga ngomuburundi hari ubwicanyi ntamutima agira nibamureke amarementanya yose yirirwa arakorwa nikibiri nababandi bigira NGO ni societe civil bavuga NGO mugihugu harubwicanyi ntakindi ataruko bagerageje incuro nyinshi gutanguza imirwi irwana bikabata kuwazi bamwe muribo birengagije ijambo nyakubahwa yama ababwira ko uwuzotangura intambara izoheriwe iherere iwe bama batorwa ibiziga hirya nohino mugihugu nimugombe muje hamwe gutsinda cndd FDD biracari kure nkukwezi simuri ino myaka ICO nobasaba ntimuze musubire. kubesha ngwamatora yibwe mugasubira muzotanga ibisobanuro sivyabindi vyambere mwabura insiguro