Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
NDITIJE yahamagariye Abadasigana kwiyamiriza inama yategurwa na Concilie (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > NDITIJE yahamagariye Abadasigana kwiyamiriza inama yategurwa na Concilie (...)

NDITIJE yahamagariye Abadasigana kwiyamiriza inama yategurwa na Concilie NIBIGIRA

vendredi 25 Mukakaro 2014

Karori Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yahagariye abadasigana ko bosidukana n’iyonka ku ngoro y’umugambwe UPRONA "Ku Mugumya", kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 27 Mukakaro 2014, bakiyamiriza inama iriko itegurwa na Concilie NIGIBIRA, kuko itemewe n’amategeko ngenderwako y’umugambwe UPRONA.

Uburongozi bw’umugambwe UPRONA burongowe na Concilie NIBIGIRA yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bwatumyeko inama rukokoma izoba kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 27 Mukakaro 2014, ku ngoro y’umugambwe UPRONA "Ku Mugumya". Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, umushingamateka Karori NDITIJE, umukuru w’umugambwe UPRONA atemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko ico bita "Inama Rukokoma" kitabaho mu mategeko ngenderwako y’umugambwe UPRONA, kandi ko ata n’urwego ruzwi rwayitumyeko, rwongere ruyitegure. N’aho iyo nama yo ku munsi w’Imana yamaze kwemerwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Karori NDITIJE ahamagarira abadasigana ba UPRONA kutazoyitaba, ahubwo agatumira abo badasigana kuzokwishikira aho "Ku Mugumya" kwanka iyo nama bivuye inyuma. Mu rwandiko basohoye, inzego z’umugambwe UPRONA zirongowe na Karori NDITIJE zamenyesheje ko "zisavye abadasigana ko bohaguruka, bagahakana ko umugambwe wa RWAGASORE uhambwa mu cobo n’abacangero, ku cicaro gikuru cawo." Muri urwo rwandiko babandanya bagira bati : "Nico gituma abadasigana basabwe kuza kuraba no kwiyamiriza abo bagizi ba nabi, kugira babamenye, baze babashengeze."

JPEG - 68.5 ko
Karori Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

Izo nzego z’umugambwe UPRONA zasavye abategetsi b’Uburundi, harimwo n’umukuru w’igihugu, ko bohagarika iyo nama, ku neza y’Abadasigana, no ku neza y’intwaro rusangi y’Uburundi. Mu gihe abo bategetsi boreka iyo nama ikazoba, Karori Nditije abasaba kuzoca bemanga ingorane n’imidugararo vyokwaduka bivuye ku nama itisunze itegeko na rimwe ry’umugambwe UPRONA. Nk’uko muri urwo rwandiko babandanya babivuga, Reta y’Uburundi izoba igaragaje icese ko ariyo yateguye kandi igashira mu ngiro umugambi wo gusambura n’ugufuta umugambwe waronkeje Uburundi intahe yo kwikukira, Reta ikazoca ibibazwa imbere y’abarundi n’amakungu. Reta kandi yomenya ko iyo nama ibaye, umugambwe UPRONA uzokwitwara, kuko utazokwemera amatora userukiwemwo n’abawuhamvye.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • NDARYOHEWE NUKUNTU NDITIJE AVUZE KO ATAZIHANGANIRA KONSIRIYA GUKORESHA INAMA!!!!!!!!!!! SIJE NZOBONA KUWAMUNGU HARAGEZE, NJE KURORERA URWO RUKINO RWUMUPIRA RUZOHUZA, EKIPE YA NDITIJE NA EKIPE YA KONSIRIYA HAHAHAHAHAHAHA UBUHOLANDE BUZOHURA NA ESPANYE KUWAMUNGU KUKIBUGA CAHITWA KUMUGUMYA CAKIRA ABAROREREZI 2000. YAYAYAYAYAYAAAAAA

  • Naraye ndarota muzobonera ayo imbwa yaboneye kumugezi mwaba porona mwe!!!!!!!!!!.muzomera nkabo kwa SINDUHIJE umus’uraho!.icomwoba muramenya co nuko muzokomereka nomwaja kugwanya aba police!.

  • Mwebwe mufise ubwoba bwa uprona ?girira ubwoba aba DD??nayo uprona mutureke kuko nitukagwa ni mihimbiri twavuye inda atanimyaka 9irahera izikize ibuka uwomukuru wanyu atashe ????yaaaa tubaza kumwoza tubaha ikoti kugira mube abantu ???none mwubaza kwuburundi mwabuguze?? Reka mwisubirire kwabara imishambara niyo mukwiye ndabarahiye gerageza murase umuntu numwe ???niho twomenya neza ico mushaka ndabarahiye igihute kiriko kirashaaaaaaaaa

  • We turugwane tuzohera kuri wewe nyene!!!,uzoje ahabona gusa wiyunvire agahinda sha.uzokwibaza wongere wihanure sha,ubu ntigwitaha sha!!!!.

  • WE SHA TURUGWANE UVUZE NGO IGIHUTE KIRIKO KIRASHA NIGISHE NINGOGA TUBAMENE IYO MITWE MWA MISEGA MWE MUMEZE NKA ZA MUJERI PUUUU TUZOBARYA EN DIRECTE DE LA COMUNAUTE INTERNATIONANAL ET VOTRE MAUDIT SOCIETE CIVIL DUHERE KURI ABO BAZITWARA MWA MBWEBWE MWE

  • nditije tekereza ugutwi kw impene kwumva kubabuye

  • Reka babakorereko.igihe baherekeza muri 2010 bari bazi ko bizogenda gute?ubu vyashushe kandi ubwo butama bw,ubuporona bwose nuguca bufatwa kumabi igihugu cabonye Cntb nayo izoce ubutwa udu parcelle twanyaze.nimurindire mwari muzi ko mutishize akagozi mw,izosi?

  • NDITIJE NAGIRA NKWIBUTSE KO UTOKWIBAGIRA GUTUMIRA ABASERUKIRA IBIHUGU VYABO HANO MUBURUND BAZE KUBAFATA MUMUGONGOI!!!!!!!!!! KUKO NIBAZA KURUHANDE RWANYU KANDI NAHONYENE MUBASHIRE IMBERE, NABWABUDUMBIDUMBI BWAMA SOSIYETE POLITIKE SIVILE. BAZOTAHA BATAHUYE UBURUNDI UBWARIBWO, NIMBA BAHORA BABWUMVA KO BWIKUKIYE MUBITABO GUSA HAHAHAHAHAHAHAHA BAZOGENDA BAMENYE KO IGIHUGU KIRIMWO ABAGABO.

  • HAHAHAHAHAHA NTWENGEJWE NUKO NDITIJE YAVUZE KURADIYO KO AZEMERA GUFIRA KUMUGUMYA!!!!!!!!!!! UBWO NDITIJE YOBA YARABAJIJE CANKE NGO AGANIRE NA KADEGE AMUBWIRE IVYAMUSHIKIYE??????????????? KUKO UKO AJE KUBURANA KURI PARAKE, HAGEZE GUSUBIRA KUMPIMBA YURURUKA ARIKO YIYUHA IRYOSOZI!!!!!!!!!!! JEWE NIFUZA KUZOBONA MANWANGARI IMBERE AFISE IBENDERA. ABAJEJWE UMUTEKANO MURAMERE MAGABO, IBARA NTIRIZE RIRWE UWOMUHUTU NDITIJE NTAZOHAVE AKORERA IVYANFURAMBI KONSIRIYA.

  • @Igihe.bi

    Aha munsi handitse ngo abantu ntibakandike ibitutsi. None ko mbona mubireka bikarengana ni kubera iki? Ibintu nk´ivyo mbona bikwiye censure. Igihe.bi mwisubireko.

  • barundi benewacu,harageze ko umuntu wese yunva ko akunda uburundi abusengera.none ko abarundi bose bamaze kwaguka bakaba bariko bapfa inda,ninde murundi w’ukuri tuzoronka yokura uburundi mumanga? kosiliya na nditije nibemere baje hamwe batorere ingorane zo mumugambwe hamwe ahandi ho bariko biha amenyo y’abatwenzi.kera ntabatutsi bakunda inda ariko igitangaje uzosanga aribo basigaye biganziye umugambwe w’aba DD kubera ukurondera ibitari ivyabo.Teshwe mute abo ba DD mubarekere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.