Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela aracarwana n’indwara yiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela aracarwana n’indwara yiwe

Nelson Mandela aracarwana n’indwara yiwe

mercredi 4 Kigarama 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Nelson Mandela arabandanya arwana n’indwara yiwe, nk’uko vyavuzwe na Makaziwe Mandela, umukobwa wiwe.

Makaziwe ati : Tata aracari kumwe natwe, arakomeye kandi aracafise icizere co kubaho. N’aho ari ku musego, hari ibintu vyinshi ariko aratwigisha : kwihangana, urukundo, guhariranira. Umwanya wose mara impande yiwe ndatangara cane. Hari igihe ntavyumva ko mva ku muntu nk’uwo azi kwigwanako n’aho yoba ababaye, aguma yihagararako akagira n’icizere."

Mu gihe bari mu bikorwa vyo gushira ahabona igitabo bise Nelson Mandela Opus i Johannesbourg, Makaziwe yamenyesheje ko Nelson Mandela afise ivyizigiro n’aho indwara yiwe imurembeje. Asaba ahubwo ko inkuru y’ubuzima bwa Nelson Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y’epfo ko yoguma ikwiragizwa hose kugira abamukomokako ntibaze bibagire abo bari, n’aho bavuye.

Mwokwibuka ko Nelson Mandela yasohotse ibitaro mu ntango y’ukwezi kwa Nyakanga, inyuma y’iminsi 85 ari mu bitaro amagara amukitse. Indwara y’amahaha mbere yoba yavuye kwifungwa ry’igihe kinini cane yakorewe mu gihe c’ihamwa rifatiye ku rukoba muri ico gihugu. Mu gihe yari avuye mu bitaro, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyamenyesheje ko amagara yiwe n’ubu akimeze nabi. Mbere muri kino gihe Nelson Mandela akaba ariko avurigwa ku rugo rwiwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.