Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yashinguranywe iteka i Qunu
Nelson Mandela yashinguranywe iteka i Qunu
dimanche 15 Kigarama 2013
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama niho habaye ugushingurana iteka Nelson Mandela. Ibirori vyo gushingura iyo mboneza vyabereye i Qunu aho Madiba yavukiye.
Ugushinguranwa iteka kwa Nelson Mandela kwatanguye igihe c’isaha zibiri y’agatondo, kw’isaha yo muri Afrika y’Epho. Ni ukuvuga isaha cumi na zibiri z’agatondo kw’isaha mpuzamakungu. Ayo maziko akaba yatanguwe n’ururirimbo "Lizali’sidinga lakho" bisigura "Shikana ivyo wemeye". Nelson akaba yahambwe mw’itongo ry’umuryango wiwe i Qunu, ahari hakoraniye abantu isinzi barenga 4 500.
Ayo maziko y’ico gihangange c’ikinjana ca 20 yari yitabwe b’abanyecubahiro. Aha twovuga nk’umuganwa Karori w’Ubwungereza, abahoze ari abashikiranganji b’Ubufaransa: Lionel Jospin na Alain Juppé, umunyamerika Jesse Jackson aharanira agateka ka kiremwa muntu ndetse n’umugendanyi wa Nelson Mandela, Desmond Tutu akaba yari yishikiye muri ayo maziko.
- I Qunu, mw’itongo ry’umuryango wa Mandela ahabereye amaziko mu mwiherero
Imboneshakure zo muri Afrika y’Epfo, hafi nka zose zikaba zariko zirerekana ivyo birori. Mu gihugu cose ndetse no mu bindi bihugu vyinshi kw’isi abantu bakaba bariko barakurikirana ivyiryo shingurwa. Ariko nkuko umuryango wa Nelson Mandela wari wabisavye, isaha zine, ivyuma bifata amasanamu vyahagaritswa. Aho hakaba hari hageze gushira mu ntatemwa Nelson Mandela.
Abantu 450 gusa bo mu muryango wa Mandela n’abawegereye cane nibo bashoboye kuba muri ico kibanza mu mwanya wo kumushira mu ntatemwa. Kure y’ivyuma bifata amasanamu, ibirori bikaba vyabandanije birongowe n’uwitwa Thembu akomoka mu bwoko bw’aba xhosa. Aho bakaba baza kwambaza abasokuru ndetse hubagwa impfizi batanzeko inkuka.
Ivyo birori bikaba bisozereye iminsi 10 yo kwunamira iyo ntwari ya Afrika yashengeye kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2013.
INGABIRE Luc-Noel
Messages
15 Kigarama 2013, 16:04, par ibibajebantu
Mzudiba. intwali tuzibuka, numwana urimunda. azakurikirana umurongo watangije. muri Africa. ntago tuzakwibagirwa, tuzakurikira ibikorwa byiza wakoze. ntago udusize, nkipfubyi. kuko ibyigwa barabidusiye
15 Kigarama 2013, 16:09, par ibibajebantu
Madiba. itwali tuzibuka, numwana uri munda, azakurikirana umurongo, watanguye,ntagodusize nkipfubyi. kuko ibyigwa warabidusigiye. tuzahora tukwibuka. ibyizabyawe, twarabibonye, nIMANA yarabyanditse. fondation. yawe niyo nzira yakozozaka Afrca yejo
15 Kigarama 2013, 20:35, par Dembo
Jewe nezerejwe cane n’uko muzi kurondera amakuru n’amasanamu komere ba journalistes, akazi murakazi pe, nca numva nkunze uwo mwuga.
15 Kigarama 2013, 20:56, par DESIRE
VYOBA VYIZA TUMENYE KO ITEKA UMUNTU ATARIHABWA NUGUTUNGA CANE CANKE AMASHURE MENSHI CANK GUTWARA IMWAKA MWISHI MADIBA YATWAYE IMWAKA 4 GUSA ARIKO AFISE AGATEKA KADASANZWE NKA BOBO BIBUKA ISIYOS GUSUMBA ABATWARA U.S.A MR6
16 Kigarama 2013, 09:16, par Kabizi
Icompa abakuru b’ibihugu babonye canke bahuye na Mandela bagakurikira iragi ryiwe ryo kutigungira ku butegetsi no gutoteza abo batavuga rumwe