Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela yaronse umurongo w’ihuriro ngurukanabumenyi umwegukira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Nelson Mandela yaronse umurongo w’ihuriro ngurukanabumenyi umwegukira

Nelson Mandela yaronse umurongo w’ihuriro ngurukanabumenyi umwegukira

jeudi 22 Myandagaro 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika yepfo, Nelson Mandela, uwarwanije amacakubiri afatiye k’urukoba n’icinyizwa ry’abirabure, n’ubu amagara yiwe ntahumuriza, mu gihe amaze amezi abiri ari mu bitaro, ari naho mbere yanahimbarije imyaka yiwe y’amavuka ya 95. Inyuma y’ibintu bitari bike bimaze kumwitirirwa, ari amabarabara, inyubako, n’akazu batambiramwo, yaronse umuhora ngurukanabumenyi umwegukira.

Bamwe mu buzukuru biwe babiri, bamukoreye umurongo ngurukanabumenyi w’ihuriro, bise « mandela.is », umurongo, uzotuma abakunzi biwe bashaka kumwandikira, bamwandikira k’ubuhunga bunyaruka, basige ubutumwa, bashiraho amafoto, canke basangira ivyiyumviro mu ntumbero yo gukwiragiza kw’isi yose iciyumviro ca Nelson Mandela co kurwanya intwaro karyanishamiryango.

Ndaba Mandela w’imyaka 30, umwe mu buzukuru ba Mandela bakoze uwo murongo, ati : « N’umurongo w’ihuriro ngurukanabumenyi watangujwe mu ciyumviro ca sogokuru Nelson Mandela afise ku rwego rw’isi yose ». Ndaba, asanzwe ari n’umukuru wa Africa Rising, ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike rishaka gushigikira ubushakashatsi bushasha n’iterambere rya Afrika, arongera ati : « Kuri uwo murongo witiriwe Nelson mandela, abantu bashobora kuvuga ivyo Mandela yabarungitse gukora, ingene yabateye intege mu gukorera igihugu ».

Inyuma y’imyaka 27 yamaze ari mw’ibohero kubera yagawanije intwaro y’agacinyizo n’amacakuri afatiye k’urukoba, yaratsinze mu gusubiza hamwe igihugu cari casambutse, aca aba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu w’umwirabure mu gihugu mu mwaka w’1994. Haraciye imyaka ine, n’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu vyarahimbaje isabukuru y’amavuka yiwe, igenekerezo rya 18 Mukakaro, igihe yakwiza imyaka 94, umunsi witiriwe Mandela « umunsi wa Mandela », bigahamagarira umuntu wese kumara iminota 67, ni ukuvuga isaha yose n’iminota 7, igiharuro gihwanye n’imyaka yamaze ariko arwanya intwaro karyanishamiryango « apartheid » ya Madiba, itazirano rya Mandela. Ndaba, ari kumwe na muvyarawe Kwetu w’imyaka 28, babandanya bateza imbere uwo murongo ngurukanabumenyi. Avuga ko bashaka kugira uwo muhora ngurukanabumenyi nk’umuryango. Ati : « Ntiturindire ejo asezera isi kugira tuvuge ivyiza yakoze, kurya bikunze gukorwa gusa kubahizi n’abategetsi basezeye isi. Tumuvuge neza akiriho, twamamaze n’ivyo yakoze ».

Abo bahungu babiri bashitse uwo muhora, n’abahungu b’abana Mandela afitaniye na Evelyn, umukenyezi wiwe wa mbere. Uwo muhora waranatangujwe mu mpisho mu kwezi kwa Ntwarante mu gihugu ca Islande, ariko n’ubwo bitaraja k’umugaragaro, imaze kuronka abanywanyi barenga igihumbi. Kathleen Ndongomo, umuyobozi w’ihunguriro y’abacameroune w’imyaka 34, arahavugira ivy’ubutungane muri Afrika mu kwiyamiriza ubugeni bw’abana bagirisha bakiri bato muri Nigeria n’igiturire muri Guinee. Uwo murongo ubitsweko ibitari bike bivuga ivyo kurwanya intwaro karyanishamiryango, n’ivy’umugambwe uri k’ubutegetsi vyarashizweko.

Bivugwa y’uko umurongo w’ihuriro ryitiriwe umuririmvyi rurangira w’umwongereza Lady Gaga, ugenderwa n’insinzi ry’abantu, Little Montres, uri muvyatumye n’uwo murongo witiriwe Mandela utanguzwa. Abuzukuru ba Mandela barizerako umuhora mandela.is, uzogira nawo inkomezi zidasanzwe mu kuronka abawugendera. Kubibaza ko uwo muhora witiriwe Nelso Mandela, abo buzukuru bawushinze kugira bironkere amafaranga, Ndaba avuga ko watangujwe kugira abantu bose bamenye Nelson Mandela uwo ariwe kandi ko ari no kunyungu y’igihugu cose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.