Accueil > Inkino > FOOTBALL > Neymar yitezwe ubudasanzwe mu murwi wa FC Barcelone
Neymar yitezwe ubudasanzwe mu murwi wa FC Barcelone
lundi 3 Ruheshi 2013
Ku mugoroba w’uyu wa mbere, mu murwi wa FC Barcelone, haritezwe n’igishika cinshi Neymar umukinyi mushasha aje ava mu gihugu ca Brezire mu murwi wa Santos FC.
Umusatirizi akomoka muri Brezire, Neymar, ashika kuri uyu mugoroba mu gihugu ca Espanye. Akaba aje gushira igikumu ku masezerano yo gukinira umurwi wa Barcelone. Ayo masezerano akaba ari ayimyaka itanu. Neymar aguzwe amahera y’amanyaburaya yababa imiriyoni 50 avuga ko kuja mu murwi wa Barcelone ari ibintu yiyumviriye cane umwanya utari muto. Kuko yagumye yijijanya imitima: kuja mu murwi wa Real de Mardid, aho Ronaldo, Kaka, Marcelo n’abandi baguma bamuhanura kuja muri wo canke kuja muri FC Barcelone aho Messi na bagenzi we bamuha ikaze. Nkuko yivugira ngo ni iteka rinini kuzokinana na Messi n’uwaronse umupira w’inzahabu. Na Messi ubwiwe avuga ko afise igisharara cinshi co gukinana na Neymar.
FC Barcelone ikaba yamurungikiye indege ija ku murerura wanyene imukura muri Brezire. Kuri uyu mugoroba rero niho haza no kuba ibirori vyo ku mwereka abakunzi b’umurwi wa FC Barcelone. Hakaba hitezwe abantu barenga ibihumbi 50. Akazoba asumbije igitigiri cabaje kwakira umukinyi Zlatan Ibrahimovic mu mwaka w’2009. Inyuma yivyo birori, hategekanywa ko uyo musatirizi mushasha wa FC Barcelone aca atanga ikiganiro ca mberekubemenyeshamakuru ka mukinyi wa FC Barcelone.
Neymar da Silva Santos Júnior akaba yavukiye mu gisagara ca Sao Paulo mu gihugu ca Brezile. Aho hari kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 1992. Yabaye umukinyi wa mbere yigenjeje neza muri Amerika y’Ubumanuko mu mwaka w’2011 n’2012. Abakurikirana ivyumupira w’amaguru bakavuga ko ari n’umukinyi wa kabiri yinjiza ibitsindo vyinshi inyuma y’umukinyi Lionnel Messi. Barongera bakavugako umurwi wa FC Barcelone ugiye kuba mu mirwi ihagaze neza mu bakinyi bimbere kubera Neymar na Messi bazoba barikume.
Luc-Noel INGABIRE
Messages
12 Ruhuhuma 2016, 21:46, par NIYIMBONA VEDASTE
BINEZERA IYO MBONYE MESSI BAKUMWE NA NEYMALIA
30 Myandagaro 2016, 21:18, par butoyi,
ndamuteye,integ
30 Munyonyo 2016, 17:52, par GÉODIE
Ndamushimiye Niyirambire Yavuze Neza
31 Kigarama 2016, 12:38, par Lévis
Mbega Neymar arafis abavyeyi ok
7 Ndamukiza 2017, 20:41, par Nkurunziza Déo
Mbega Abavyeyi Biwe Bitwa Ngwiki? Barîho Bose?
7 Ndamukiza 2017, 20:46, par Nkurunziza Déo
Arafise Abavyeyi? Arubats?
31 Mukakaro 2017, 07:27, par niyonkuru janvier
ndashima kwumva neymar agaruts muribarcelona nibint bijosh can kuritwebw dukunda uwomurwi wa fc barcelona