Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ng’ibi ivyo umukobwa yokwitwararika kugira aze aronke umugabo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ng’ibi ivyo umukobwa yokwitwararika kugira aze aronke umugabo (...)

Ng’ibi ivyo umukobwa yokwitwararika kugira aze aronke umugabo nyawe

vendredi 30 Myandagaro 2013

Mu bisanzwe, hari imyaka umukobwa ageramwo ugasanga abahungu baramwirukako cane, bakamusaba urukundo ku bwinshi, ndetse ugasanga hageze guhitamwo, biramugoye uwo yoshima ngo abe ariwe bashingana urugo, baheze bibanire akaramata.

Hari inzira nziza rero wocamwo, maze ukabasha guhitamwo, kandi ugahitamwo neza, ku buryo ubona uwo wipfuza kandi ashobora kukubera umushingantahe mwiza.

Kumenya imico

Ni vyiza ko umenya umuntu wese yipfuza ko umubera umugore. Ni vyo biragoye kumenya umuntu ukwo aba ameze kwose, ariko uragerageza, n’imiburiburi ukamenya bimwe mu mico yiwe. Ivyo rero biragufasha guhitamwo bitewe n’ivyo wewe ukunda.

Kubagerageza

Kugirango ubashe guhitamwo neza, ni uko ukora utuntu dusa n’isuzuma kugirango ubashe kumenya neza uwugenzwa n’urukundo rw’ukubaka canke uwugenzwa n’amarara y’abasore. Aho bituma umenya umuhungu aje ashushe kugira yubake, n’uwushaka uwo aba arateberako, mu munezero w’akanya.

Kwirinda gukora amabanga mpuzabitsina.

Umukobwa ageze mu gihe c’ugukundwa n’abahungu benshi, ategerezwa kwitonda kuko benshi bashobora kuba bishakira ko barangurana amabanga mpuzabitsina gusa, ata bindi biri inyuma vy’umugambi. Iyo rero bimeze bityo, ukabona abahungu bose bakurondera atakindi kibazana, aho urabankira, kuko wemeye, inyuma y’amezi make agaciro kawe gashobora kuba kagiye kose, mu gihe uba utwaye inda y’ishushu.

Kora urutonde

Gukora urutonde ni ngombwa kugirango ubashe guhitamwo neza, kuko uba waramaze kumenya buri wese maze ukabatondeka ukurikije uko uvyumva inyuma yo kubamenya.

Urwo rutonde urukora ukurikije ibi bikurikira

• Ukwo bakurikiranye bagusaba urukundo
• Ivyo buri wese yakubwiye ko agukundira
• Ivyo ubona wakundira buri umwe ku giti ciwe
• Imico ya buri muntuwese muri bo
• Uburyo bakwitaho
• Ibiganiro mugiranira
• Ingeso ya buri wese

Niwabikora muri ubwo buryo, ntakizokubuza kuronka uwo ukeneye kandi akakubera umukunzi mwiza, akazovamo n’umugabo azohora anezererewe kuko uzoba waravyifashemwo neza, mu gihe uzoba wabanje kwitonda, imbere y’ugufata ingingo zijanye n’urukundo . Ni vyiza gufata umwanya w’ukwiyumvira imbere y’ugutwarwa n’ibishobisho.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.