IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngagara : Umunezero ni wose mu banyagihugu bo muri quartier y’7 na (...)

Ngagara : Umunezero ni wose mu banyagihugu bo muri quartier y’7 na 8

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Amabarabara amwe amwe yo muri komine ya Ngagara ariko arakorwa, ayo nayo akaba ari ayo mu ma quartier y’indwi na munani.

Muri ayo ma quartier ya ndwi na munani muri komine ya Ngagara ariko arakorwa, abanyagihugu baba mu micungararo canke baba aho nyene, bavuga ko ico gikorwa kibashimisha, na rirya imvura iyo itasuye ingorane ziba umurengera, abahita bagaca mu vyondo vyinshi. Abo banyagihugu bakavuga ko naho n’ubu kurengana ari ikibazo, bavuga ko atangorane kuko bazi ko bizomara igihe gito. Muri iyi minsi, ayo mabarabara ariko arakorwa, abafise imiduga bakaba bayiraza ahandi, kuko ayo mabarabara aba yugaye, canke bikanagorana ukwo imiduga irengana. Si ab’imiduga gusa, n’abagenda n’amaguru ntiborohewe.

Tukabamenyesha ko ibikorwa bigeze ku kwezi kwa gatatu, mu gihe ivyo bikorwa bitegekanijwe kuzomara amezi umunani. Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Ngagara, bakamenyesha ko bibaza yuko ivyo bikorwa bishobora no kuzomara igihe gito, mu gihe vyonyaruka gukorwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.