Accueil > Imibano > Urukundo > Ngo gusomana vyoba biteye ibibazo vyinshi mu rukundo
Ngo gusomana vyoba biteye ibibazo vyinshi mu rukundo
mercredi 6 Ruhuhuma 2013
Abize ivyerekeye imibano ntako batagira ngo basigurire abantu ingene bokwifata muvyerekeye imibonano mpuza bitsina, ibishobora kunezereza umugabo mu gihe co kurangura ayo mabanga, ariko gushika ubu abantu baracafise ibibazo vyinshi batararonkera inyishu ,muri vyo hakaba harimwo isano riri hagati yo gusomana no kurangura amabanga mpuza bitsina.
Umugabo rero ngo ni ikintu kigoye gutahura, kandi gituma havuka ibibazo vyinshi. La gent masculine rero yaragerageje kwegera abagabo kugirango imenye ikibanezera mugihe bariko barangura amabanga mpuza bitsina. Ivyo rero vyakozwe kugirango ibibazo bimwe bimwe bironke inyishu.
Abakenyezi benshi ngo ikibazo bafise ni ukumenya igituma umugabo canke umusore iyo yakunze umwigeme ikintu cambere kimuzamwo ari ukumusoma ku munwa. None ku musoma vyoba arivyo bituma amukunda?
Inyishu abagabo n’abasore bagizweko amatohoza batanze ngo n’uko umwigeme umusomye iryambere biguha ishusho yiwe igihe muriko murangura amabanga mpuza bitsina. Iyo bariko bakora ico gikorwa co gusomana umugabo ngo ariyumvamwo ko akunzwe canke adakunzwe muri uyo mwanya bivanye n’ingene umwigeme barikumwe yavyitwayemwo.
Mu gihe bariko barasomana kandi ngo niho abona ko umwigeme barikumwe azoshobora ku munezereza canke ko atavyo ashoboye.Ngo hari n’umwigeme usoma ugaca ubona ko bidakenewe ko mubandanya canke ko mwinjira mu vyo gukundana bivanye n’uko yifashe mugihe bariko barasomana, ivyo rero ngo vyerekana ko no mukurangura amabanga mpuza bitsina adaheza ngo ashobore kunezereza uwo barikumwe.
Umwe mu basore babajijwe we yagize ati : « Hari umwigeme usoma kubera ukuntu avyifashemwo ukumva umenga umubiri wawe watsemwo urubeya rw’umuriro, gutyo ukumva uramwirunzemwo, hakaba n’uwundi usoma ukicuza n’ico wabikoreye! »
Mugihe co gusomana rero ngo vyiza wibagira ibindi vyose ukiyumvira uwo murikumwe gusa kugirango yumve ko murikumwe vyukuri. Ariko rero si ukuvuga ko abazi gusomana neza bose baca baba n’abahinga mu vyo kurangura amabanga mpuza bitsina.
Ikindi abantu bakiwiye kumenya n’uko hari abigeme baba bazi gusomana kuko babifise mwo uburambe, atari ukuvuga ko aribo bubaka neza ahubwo baba bamaze gusoma abantu benshi.Hakaba n’abandi batabizi nkuko atavyo barakora kuko atawuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi.
Umusore w’amahirwe rero ni uwuronse umwigeme atazi gusomana ,akaba ariwe abimwigisha gusumba uwuronse karuhariwe mu gusomana ariko amaze gusoma abatagira igitigiri, kuko hari n’aho abo amaze gusoma ari nabo bamaze kugira amabanga mpuza bitsina.
Marie Claire Ingabire
Messages
6 Ruhuhuma 2013, 05:06, par Peace
Eeeeh!utagusoma neza yogusatisfeza ate?ivyo ni ivyukuri!!!!!!!
6 Ruhuhuma 2013, 07:39, par Claude
Ahaaaaaa urakoze sha Claire uvuze ukuri; ntawuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi kandi kumenya gusomana siko kumenya kubaka. mugihe umwigeme canke umusore yahuye na benshi badasangiye ibitsina, nawe agira uburambe ntangere akagira abamuryoheye batandukanye. hageze ko yubaka usanga yifuza kuronka nkumwe yamugirira neza, murugo rero bigaca bigorana kuko uburabwe kubitsina ntibube bumwe bamwe bamwe bagashima kurenga ibigo. umugabo canke umupfasoni wiwe akamushisha, ntamunezereregwe eka n’imigambi y’iterambere m’urugo ntibe ikigenda neza kuko n’ikiyago urukundo kwizerana bigaca bigabanuka. vyiza rero niyumvirako uhuye numaze gusomana nukugira amabanga mpuza bitsina n’abantu bake aba afise amahigwe menshi yukubaka neza kuko nta ngereranyo iba ikijamwo yabakera bamutwaye umutima w’urukundo
4 Munyonyo 2014, 08:15, par Monte Escalier
Un grand merci pour cet article
[Sarah->http://www.01monte-escalier.com] du blog Monte Escalier
10 Ndamukiza 2015, 11:16, par NIYONIZEYE FLORIDE
ABOBO BASAZE GUSOMANA SURUKUNDO NAMBA MWIBUKEKO NUWAGURISHIJE UMWANA WIMANA YABANJE KUMUSOMA AHUBWO IYOTUBA ABANDI TWOBIHEVYE KUKO NIKIMENYETSO KIBI.
8 Mukakaro 2015, 04:32, par NDAYISENGA Daniel
jew ngaho mfise akabazo mfise umwigeme ivyo vyogusomana nije nabimweretse namukunze turi abanyeshure hama jew ndaheza ndaja kukazi nawe araciga mu agiye mu 2 info gestio gusa narigeze kurwara cane narinzi ko mfise abagenzi benshi sinigeze mbona numwe aza kunsuhuza kiretse wawundi kubwivyo nashaka mumpe impanuro nashaka kurongora umu bamwe ngo nturongore umunyeshure ngo higa uwukora muce mutunga ningoga abandi bati urya mwana umuhevye ntuze wongere kutwita abagenzi bawe nshaka rero mumpe ibitekerezo ukuntu nobigenza arankunda cane nanje uko nyene
8 Mukakaro 2015, 10:50, par man bernard
merci.mfis umukobw w’umugenz kandi yari geze kunsaba ko twosomana nanj ntako ndavyemera arik munyuma aje kugira dusomane nkaca ndamuha ukuboko kuko ntakintu candyoheye mugusomana!aha jew ryari iryambere nsomana ariko narabona abasomana.munyuma yaha naciye mbona ubucuti bwacu butituka.ngire inama nagira.
30 Rusama 2016, 05:42, par NTEZIRYAYO alain
None jewe ngire gute ko ata mukobwa nfise dukundanye mwomundonsa
26 Nyakanga 2016, 21:57, par AMIDHA
SHA JEWE KUBWANGYE GUSOMANA SIBIBI NDUMWIGEME ARKO JEWE NSOMA UWO MBONANEZA KO ANKUNDA KND NANJ NKUNDA SUWARIWEWESE
28 Myandagaro 2018, 21:15, par nshimirimana elyse
gusomana na beshi haringorane bitera?