Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Abanyagihugu bankiwe kwifadikanya na Bob Rugurika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Abanyagihugu bankiwe kwifadikanya na Bob Rugurika

Ngozi : Abanyagihugu bankiwe kwifadikanya na Bob Rugurika

mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, amabarabara yose ashika ahakorera RPA Ngozi yari yugawe. Mu giporisi bamenyesha ko banse imyiyerekano itarekuwe n’amategeko, mu gihe umuyobizi wa RPA Ngozi avuga ko bari abanyagihugu baje kwifadikanya n’iyo nsamirizi.

Kuri uwu wa kabiri w’urwatsi rubisi (Mardi Vert), abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi bari baje kwifadikanya na RPA Ngozi ntiboroherejwe. Kuva mu gatondo, igiporisi cari cazibiye amabarabara yose ashika ahakorera RPA muri iyo ntara. Abantu bose bambaye impuzu zirimwo amabara y’urwatsi rutoto, canke bafise agatambara canke akamwanya k’urwatsi rutoto barasubizwa inyuma. Yari amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abamenyeshamakuru bakorera mu buraruko, bari bitavye akamo ko kuja ahakorera iyo radiyo, mu ntumbero yo kwifadikanya na Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya. Mu nyuma n’abandi bose, harimwo n’abariko baja mu mirimo yabo ya minsi yose, barankiwe kurengana, aho hakaba harimwo n’umudandaza yankiwe kurengana kubera mu mabesani yariko aradandaza harimwo izisa n’urwatsi rubisi. Mu giporisi bamenyesha ko banse imyiyerekano itarekuwe n’amategeko.

JPEG - 67.2 ko
Abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi

Umuyobozi wa RPA Ngozi, Yvette Murekasabe asigura ko ata myiyerekano yari yateguwe, ko bari abanyagihugu bateguye kugendera ibigo vy’iyo nsamirizi RPA kugira bifadikanye nayo muri iyi minsi Bob Rugurika apfunzwe. Abo banyagihugu bakaba bari bitwaje inzandiko zisaba ubutungane bw’Uburundi ko bwokwikubita agashi bukarekura Bob Rugurika.

Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA akwije iminsi 16 mw’ibohero. Yatumweko mu butungane na Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, ari nawe yamwumvirije, aca afata ingingo yo kumurungika mw’ibohero kw’itegeko rya Arcade Nimubona umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura. Inyuma y’amakuru yashikirijwe na RPA ku matohoza yakozwe ku bwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’Abatariyanokazi, umuyobozi wa RPA Bob Rugurika yaciye atabwa mu mvuto, akurikiranwako ivyaha vyo kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique), gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat), gutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction). Bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatatu ariho ingingo iza gufatwa, namba Bob Rugurika yorekurwa akaburana yidegemvya, canke akabandanya kuburana ari mu munyororo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ni babe bigenza nkabantu bareke kwigenza nki bikoko( POLICE) mbe ibujumbura ko ata wa bariye nu gwara harico bononye? Hari icapfuye? Reka umwidegemvyo wa ba nyagihugu BOBO turamukunda be na R P A kandi nta wuzobidukuramwo ndabarahiye mutubbuze vyose nta wuzoshika mu mitima ya barundi ngo akureyo ivyo ashaka ashireyo ivyo ashaka.

  • BOB AZOREKUGWA NONE KO ARIYO NGENDO YIYO RETA UHARI YIHAYE IGIKENEWE NUKO ABARUNDI BOKWITEGURA BAGAHINDURA IBINTU BICIYE MUMATORA NKUKO BABIGENJEJE 62 NA 93 ABA DD BIGIZE KAGARARI BAKIGIRA SURIVU HARIHO ABAYITEGURIYE NEZA BADAHUBUKA NKA BABANDI BEJOBUNDI MUCIBITOKI BURIYA NAHO ISI NIJURU VYOFATANA FNL BATAYIHAYE AMAHORO HABA MUMATORA HABA KUMBUNDA IZOSUBIZA IBINTU MUBURYOJEWE NDARAAABA NGO BARASAMBUYE FNL NAHO WOYISAMURA ZIKABA FNL ZINGANA NIMYAKA 50 YINGANA NIMYAKA UBURUNDI BUMAZE BWIKUKIYE ARIKO UTASAMBUYE IDEOROGI YA FNL NTAKAZOSHOBOKA NONE SUYO RWASA NA NZABAMPEMA RINDIRA TURABE ABA DD AHO BATSINDIWE NA FNL NUKO BAHAGARITSE INTAMBARA BAJA MUGIHUGU HANYUMA FNL NAYO IHAGARIKA INTAMBARA ABANAMARIMWE HAFI BOSE BAHAWE UBUHUNGIRO MURI AMERICA MURI YADOSIE YAB’i 72 IVYO VYATUMYE FNL UBA UMUGAMBWE WUGAYE NKURUTARE KUKO BENSHI BAVYAGIYE MURI AMERICA KANDI BAKORERA UMUGAMBWE WABO FNL IJORO NUMURANGO ABA DD NIBAGERAGEZE TUZORABA ICO BAZOSHIKAKO HOHO NTIBIHENDE BAKABUVAKO BASIGA FNL MUGIHUGU KANDI VYONGEYE NTAHO BAZOWUSHIRA AKABO KARABAHERANYE

  • none bobo rugurika bamupfunze akoze iki muce muduha inkuru yimvaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.