IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Abanyarwanda batanu bafatanywe inoti za magendu

Ngozi : Abanyarwanda batanu bafatanywe inoti za magendu

lundi 13 Gitugutu 2014

Abagabo batanu b’abanyarwanda bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri komine Busiga intara ya Ngozi, inyuma y’aho bafatanwe amafaranga agizwe n’inoti z’ibihumbi bitanu na cumi za magendu. Abajejwe intwaro muri iyo komine basaba abanyagihugu kurikanura.

Abanyarwanda batanu bari bavuye kurangura itabi ry’ikirundi mu komine Gahombo intara ya Kayanza. Bashitse mu ntara ya Ngozi, komine Busiga, mu Mihigo, barahagaze kugira bivune akanyota. Hageze ko bariha niho uwudandaza yabona ko batanze inoti za magendu, aca atabaza igiporisi. Abo banyarwanda bamaze gutabwa muri yompi baciye babasaka, babasangana amafaranga agera ku bihumbi mirongo itanu bigizwe n’inoti z’ibihumbi bitanu na cumi za magendu, ubu bakaba bapfungiwe mu gasho ka komine Busiga.

Mu butegetsi muri komine Busiga bamenyesha ko bagiye gutuza abo bakwiragiza inoti za magendu. Musitanteri wa komine Busiga, Pascasie Manirakiza asaba abanyagihugu kumera magabo, babonye canke biketse umuntu yoba afise amafaranga ya magendu bace babimenyesha inyamiramabi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.