IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Abirukanwe i Bujumbura bashikiye mu gasho

Ngozi : Abirukanwe i Bujumbura bashikiye mu gasho

mercredi 31 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu 40 b’imisore birukanwe mu gisagara ca Bujumbura bapfungiwe mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Ngozi kuva kuri uwu wa kabiri. Mu giporisi bavuga ko bagiye gusubiza abo basore mu miryango baje bavamwo imbere y’uko baja i Bujumbura.

Ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, niho abo basore 40 bashikanwa mu gasho k’i Ngozi, bazanwe n’imodoka y’igiporisi. Abo bantu bafashwe kuko baba mu gisagara ca Bujumbura ata kazi bahafise, nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi kivuga ko abo bantu batera akajagari muri ico gisagara.

Igiporisi c’i Ngozi gisigura ko iyo misore yabaye irashirwa mu gasho, mu kurindira ko abajejwe intwaro hamwe n’imiryango yabo bakorana, umwe wese agashikanwa aho yaje ava.

Abajejwe agateka ka zina muntu mu ntara ya Ngozi basaba ko abajejwe intwaro bokwihutira gusubiza mu miryango iyo misore ipfunzwe, kuko aho mu gasho bashobora kuhandurira ingwara zitandukanye.


IGIHE

Messages

  • quel pays? aho umuntu yirukanwa mu gisagara akajanwa mu gasho!

  • Ico si igihugu ni kuzimu kabisa,gupfungira abantu ubusa bazira ko bafatiwe mu gisagara badafise akazi !!!abantu nkabo nta gisagara batabamwo kw’isi.aho kubaronderera akazi barabapfunga !!!ni hatari

  • Mundabire abategetsi bacu badashoboye, ntaco ubwo u Rwanda rwatanguye kubarasa,bazoduhorera ntaco sha,akari inyuma karahinda

  • aba dd sinzi iyo bize kuko ubu juju bafise burarenze kabisa hama ngo igihugu kirakenye naho umu tungo wigihugu muwu koresha mubi tagira mvura ! ahubwo muraherewe bisa bashoboye

  • Barekure Batahe Natwe Twabanje Kuhabatutagira Akazi

  • ivyo vyerekanako abarundi ko bashaka umutekano abashaka kuba Bujumbura bokwaka imyemezo kumakomine yabo ico nico hariho abokwikinga mukiza

  • Abobasore Ko Bari Batomboje,reta Ikabatahana!Ntaco Basabwe, Reta Nise Watwese Bena Bana Nibabimenyeshe Abakuru Bumutumba Babimenyeshe Komine

  • ibintu leta yakoze birateye isoni kubona abantu bagirwa imbohe mu gihugu cabo bakankirwa gutembera mu guhugu cabo ngo kubera atakazi bahafise.mbe hari akazi mwabahaye bakanka kugakora?hari ico babasaba ko birirwa bironderera ubuzima mu gisagara bibatwaye iki.iyi ni torture na violation ya constitution n,agateka ka zina muntu biriko bikorwa kumugaragaro.oya nukuri iyi si cndd twaharaniye mbona ari iyindi.ubuza muntu gute kuba mu murwa mukuru w,igihugu ciwe????ibintu birumvikana?mwagisibije nukuri

  • Inkoramaraso zose ziba zifite amayeri zikoresha asa ibi bimeze nkibyo Habyarimana nawe yajyaga abikora ubu aba kugirango bagaruke bagomba kujya basaba laissez passe mu gihugu cyawe koko ?? yewe Peter aranze abagize imfungwa mu gihugu cyanyu ndetse no kujya hanze yanze ko mukoresha indangamuntu mujya mu bihugu muturanye none abirukanye ni i bujumbura ?? mbese arahabirukanira iki ko nawe atahaba ?? umujyi nako kari ya ga cantre kanyu hazasigaramo imbonerakure gusa.

  • ni baba rekure batahe iwabo

  • nibabarekure.bitahire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.