Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Amarigara agenda atuzwa kubw’umugambi wo gukundisha igihugu
Ngozi : Amarigara agenda atuzwa kubw’umugambi wo gukundisha igihugu
lundi 10 Ruhuhuma 2014
Mu ntara ya Ngozi, amarigara ariko agenda atuzwa kuva aho hagiriyeho wa mugambi werekeye inyigisho zo gukunda igihugu, nk’uko tubishikirizwa na Thérence Mbonabuca, arongoye uwo mugambi.
Amezi atandatu ararangiye umukuru w’igihugu c’Uburundi atanguje umugambi werekeye inyigisho zo gukunda igihugu. Mu kiganiro n’ikinyamakuru IGIHE, Thérence Mbonabuca avuga ko muri vyinshi bariko barakora kugira uwo mugambi utere imbere, amarigara ariko aratuzwa. Uwo mugambi ukaba watanguriye mu ntara ya Ngozi, aho urwaruka rwicara ku marigara, igiporisi gica kibarungika gufasha mu bikorwa vy’iterambere, n’ibindi bisagara bikazoshikirwa. Mu bindi bikorwa vyaranguwe mu mezi atandatu, bagiye batunganya inganda nyishi zo kumenyekanisha ivy’uwo mugambi, barakoze n’ibiganiro bitandukanye ku bamenyeshamakuru, barigishije abazokwigisha abandi, inganda ku bigisha bo mu ntara ya Gitega, hamwe n’inyigisho ziheruka guhabwa abagize urwego rw’igisirikare.
- Thérence Mbonabuca
Thérence Mbonabuca akamenyesha ko ata ntambamyi gushika ubu iribonekeza, kuko Reta yatanze uburyo bukwiye. Muri kazoza rero, bakaba bategekanya gukorera mu bisata rimwe na rimwe vyagirizwa gukoresha igikenye, aho ni nko mu gisata co gucungera umutekano ku bapolisi.
Twobibutsa ko mw’ijambo umukuru w’igihugu c’ Uburundi yashikirije kuwa 6 Myandagaro 2013, yateye akamo urwaruka arurarika gukunda imitumba n’amakaritiye ruvukamwo, rwitegurire guteza imbere amakomine ruvukamwo, ariyo soko ry’iterambere.
Thérence Mbonabuca yaciye agirako amenyesha ko muri uwo mugambi bagiye gutuza icitwa amarigara, kuko ariho urwaruka rwigira ingeso y’ubuhumbu, kunywa ibiyayura mutwe, n’ubundi bubegito bwinshi.
Floxella Karire