IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Amazi y’imvura arabangamiye imirima

Ngozi : Amazi y’imvura arabangamiye imirima

vendredi 2 Myandagaro 2013

Imvura irwa mu gisagara ca Ngozi ntiyoroheye imirima, na rirya amazi atacireka mu mabarabara y’ ico gisagara kuva aho akorewe, ayo mazi ubu ngo aja mu mirima ku buryo n’ukurima usanga bitoroha, ivyo bikaba biri ukwo mu gihe atavyirwa vyakozwe kugira imirima nayo ikingirwe mu gihe c’imvura.

Umwe mu barimyi bo muri iyo ntara ya Ngozi, Gertruda Nduwimana avuga ko ubu bigoye kurima mu mirima yabo kuko amazi ari menshi. Abandanya avuga ko aho arimira mu Kinyana, amazi yuzuye ku buryo ari ingorane kuharimira muri iki gihe imvura iriko irarwa mu ntara ya Ngozi. Hakaba haheze imyaka igera kuri ibiri amazi ava mu mabarabara aja kwisesa mu myaba kuva ayo mabarabara akozwe. Igitangaje rero ni ukwo atanakimwe coba carategekanijwe n’ubuyobozi bujejwe ivy’itunganywa ry’ibisagara, kugira batange inzira nziza y’amazi ava mu mabarabara aja kwisuka mu mirima y’abanyagihugu. Ikindi ni ukwo n’amabarabara yubatswe muri ico gisagara ca Ngozi yoba atakurikiranywe neza, ku buryo inyuma y’umwaka umwe gusa, ayo mabarabara aja yatanguye kwononekara.

Muri iyi minsi rero, hamwe hamwe mu gisagara ca Ngozi nk’ikinyami n’ahandi, ngo boba bananirwa no kurima mu mirima imwe kuko amazi arenga iyo mirima abanyagihugu bikanka ko bayirima cane cane mu gihe c’imvura. Amazi rero ngo ava mu gisagara ca Ngozi ni menshi, ivyo bigatuma abo banyagihugu badashobora kurima muri iki gihe. Abo barimyi rero bavuga ko barindiriye igihe imvura izoba yaheze nabo bagaheza bagakubita isuka hasi nk’abandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.