IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Isoko ya komine Kiremba yahiye

Ngozi : Isoko ya komine Kiremba yahiye

lundi 6 Nzero 2014

Isoko ya komine Kiremba mu ntara ya Ngozi yarahiye yose mw’ijoro ry’ejo kuw’Imana rishira iryo kuwa mbere. Amakuru ava muri komine Kiremba, kandi akemezwa na musitanteri w’iyo komine, ibidandazwa vyari muri iyo soko vyahiriyemwo ku rugero rw’ica gatatu.

Mw’ijoro ryo ku munsi w’ejo kuw’Imana, nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, niho uwo muriro waraye usubije mw’ihumbi abadandaza waduka. Amazu 100 adandarizwamwo (Kiosques) yarahiye n’ivyarimwo vyose bicika umunyota. N’aho ya miduga itabara ahabaye impanuka z’umuriro yari yahishikiye, gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, iyo soko yari ikiriko irasha. Mu vyatumye iyo mpanuka y’umuriro waduka, abajejwe intwaro muri komine Kiremba bakeka ko yoba ari intsinga z’amatara zitari zitunganijwe neza.

Gerevasi Miburo, musitanteri wa komine Kiremba aremeza ko ibice birenga ica gatatu c’ibidandazwa vyari muri iyo soko vyahiriye muri iyo mpanuka y’umuriro. Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abahora badandariza muri iyo soko basa n’abari bajumarariwe, batabona uko bagiye kubaho mu gihe muri urwo rudandazwa ariho bahora bazeye ubuzima n’ubukiriro.

Musitanteri wa Komine Kiremba, Gerevasi Miburo asaba abagiraneza n’abandi bose babishoboye kugarukira kuri abo banyagihugu babuze ivyabo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega aho bama bavuga ko ari intsinga zari zimeze nabi, kubera iki barindira ko habanza kwaduka umuriro ? Ntiboba bazisubiriza kare ? Ayo ni amayeri nibabe bareka kutwifatira twarabahinyuye. Kubera iki mbega amasoko yose yo mu Burundi yama asha dimanche, en plus mw’ijoro ? Ni abategetsi bayaturira, bakabigira muri week end mw’ijoro kugira ntihagire uwutabara ngo azimye. Twarahinyuye imigambi bafise yo kwicisha inzara abarundi. Yamara barabesha IMANA ISUMBA INGABO

  • oya uburundi buraheze.none aho abenegihugu bahendera hapfe pe!raba ntahinguriro uburundi bufise:nibisha biva hanze.iryo sibara?abategetsi barakwiye kwisubirako bagakinga kare.ahandi turahona ntakabuza.

  • "Usanga ari Imana yashatse ko baronka isoko ry’ikizungu"! siko DUWARUDO yavuze mbere!!! Amasoko y’iburundi namba bayatayemwo ibidayimoni si gusa.

  • Ubukene buza kutwica

  • Mbaje kwihanganisha ababuze ivyabo murabe neza ntibe ari satana canke abantu babagizi banabi murazi ko nubucuruzi habamwo ubugome bwinshi naho yiba ntari kure nari gitanga ifanshanyo none ko mutaduha na adress ngo turabe mangene twofasha abo benewacu bahuye nivyago.

  • Ntakundi Abategetsi Nibarabe Aho Ikosa Riri Bareke Kwamabavuga Intsinga Zamatara Kuko Hahiye Amasoko Menshi Raba Rero Ingorane Muburundi Ntahinguriro Nimwe Tugira Nutubonetse Tuva Hanze Yigihugu Udushikanye Naho OBR Ngonakubonye Amakori Yumurengera Nukuri Reta Nigire Ico Ikora Ahandi Abantu Bato Bato Tugiye Guhona.

  • Gahogo, Ushizekumunzane ubona kuvugako amasoko yi Burundi aturirwa nabategetsi koko?! Ndagusavye wewenyene wishure uvuguti: Ndavyemeza nibobayaturira ati mbere ninabambesha ivyagovyose bishoboka ngahakwisi binshikire. Kirinyota nawe Eduwarudo uvugaga ngoyavuze ko isokoyahiye kugira Imana yubake iyindi nanjerekandabigusubiriremwo Ntakintunakimwe kiba Imana itabanje kukimenya kitaraba, Kubwivyorero uwarisanzwe akunda Eduwarudo imbereyuko avuga iryavugo ngereranyo nunomusi aracamukunda wewerero warusanzwe umwanka nambereyaho nubwuzorara uragiragute ntuzomutuma abamukunda bamwanka gerageza urondere ibindi ariko abataribake barabahinyuye! Muvuga dusenga tuwongera tubasengera kugira Imana ibahanagure uwomucafu wurwanko nububisha bwarenze urugero.

  • Ahubwo ivyo bintu muvyitondere. Irashobora kuba ari opposition adc ikibiri iturira ayo masoko_ sabotage. Babikora kugira bankishe ubutegetsi abanyagihugu kubera inzara nubukene. Abo bagabo barataye imitwe bakora ivyarivyo vyose kugira bashike ku butegetsi

  • Uyu yiyita Komera abuze ivyavuga canke yandika nabahora uturure Adc niyo yoshobora guturira amasoko?baza Reta ya Nkurunziza niyibibazwa vyose

  • Ibibanza bihurira mwo abantu benshi(lieux publics), zikwiye gucungwa n’abapolisi kimwe n’abanyezamu igihe cose. "Ntawoyor’amazi yasheshe". Kubaka ni vyiza, ariko ni ukumenya gukingira no gusanura izo nyubakwa. Kugire ntihazobe ikibazo c’uburyo, ni uguteganya amahera izo nyubakwa zizokwinjiza. Gurtyo, nya mahera azoja akoreshwa mu bintu bitandukanye vy’izo nyubakwa. Kuvuga ko umuriro waturutse ku ntsinga z’amatara, yob’ari akamaramaza ko ata ba electriciens u Burundi bufise. Leta DD itahabereye magabo, na riry’amatora yegereje, benegihugu tugiye kumva amasangany’atari make. Kubona haturiwe isoko iri mu ntara kavukire y’Umukuru w’igihugu, nibaza ko benekuyiturira bashatse kwerekana ko izisigaye bazozigir’akaravyo.

  • Urashekeje ngo usanga arimana yashatse kubaha isoko ryiza bakundinde uri umu nyaesatani rwose wewe .

  • ivy amatora iyo bimeze gute?

  • nibihangane.imana.irababona.bazobaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.