IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Ivyaranguwe vyavuye mu mwete w’abanyagihugu

Ngozi : Ivyaranguwe vyavuye mu mwete w’abanyagihugu

mercredi 17 Mukakaro 2013

Ivyaranguwe mu ntara ya Ngozi, vyamenyeshejwe na Buramatari w’iyo ntara mu cegeranyo yashize ahabona kuri uyu wa 17 Mukakaro uyu mwaka.

Muri ivyo vyaranguywe, Claude Nahayo Buramatari w’intara ya Ngozi avuga ko amashure ashika kuri 237 yubatswe mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi mushasha w’amashure witwa ishure nshingiro. Muri ico kiganiro c’ivyaranguwe mu ntara ya Ngozi, Claude Nahayo buramatari w’iyo ntara, amenyesha ko mu gice ca mbere c’uyu mwaka, intara arongoye yibanze mu kwubaka amashure, inyubakwa zikoreramwo abarongoye amazone, amavuriro, ibibuga vy’inkino atibagiye kandi ibirwati vy’amahoro hamwe n’ugukingira ibidukikije.

Ku bw’umutekano umeze neza mu ntara ya Ngozi, buramatari ahamagarira abanyamitahe kuyizana mu ntara arongoye kuko ivyo bohakorera ari vyinshi. Ivyakozwe vyose muri iyo ntara rero, vyarangutse ahanini ku bw’umwete w’abanyagihugu, atibagiye ugufashanya kwiza kuri hagati y’abanyagihugu, abashinzwe umutekano n’intwaro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.