Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Umucamanza yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu
Ngozi : Umucamanza yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu
samedi 16 Mukakaro 2016, par
Ildephonse Nduwumwami, umucamanza muri sentare nkuru ya Kirundo yaciriwe igihano c’ugupfungwa imyaka itatu na sentare isubiramwo imanza y’i Ngozi. Uwo mucamanza azotanga kandi ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi.
Mu rubanza rwa mbere, uwo mucamanza yari yasabiwe umunyororo w’imyaka itanu hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana nyene vy’amarundi.
Ildephonse Nduwumwami yafatiwe mu ntara ya Kirundo aho asanzwe akorera, akagirizwa ko yafatanwe inzandiko zidateyeko umukono (tracts) zanditseko amajambo y’ugutuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Yagirizwa kandi ko hari n’izindi nzandiko yoba yari yamaze gukwiragiza mu mihingo itandukanye igize umurwa mukuru w’intara ya Kirundo, ariko akaba yamirira kure ivyo yagirizwa.
Agifatwa yaciye ajanwa gupfungirwa mu gasho ka parake y’intara ya Kirundo, mu nyuma akaba yaciye yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, aho apfungiwe yagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu.
IGIHE
Messages
16 Mukakaro 2016, 17:19, par MISAGO MISHERI
MUHANE KANDIMWENABO BANTU KOMUBOROHEREZA KUMYAKA ITATU GUSA.YARAKWIYE IMYAKA ITANU N.IRAKI ZITANU
16 Mukakaro 2016, 21:00, par Morodikayi Jon
Ivyuburundi turabimenyereye, kuko nigihugu kikiri mugikoroni camacakubiri, nirementanya, nukuvuga uwo mucamanza ntiyarashigikiye umugabi wa Nkurunziza wo kumara abenigihugu. Turabazi uko baremwe iyo babona utarikumwe nacakigirwa mana cabo ngo ni peter,canke utari mumugabwe wabo bagerageza kukwimbiricobo. nabantu bamaze kuvumwa ni Mana ni mba wokwibaza kombesha uzobakurikirane muvugo zabo canke muvyi yumviro vyabo niho uzobatahura neza jewe naramaze kubigako nzadabazi kwatakirimwo.
16 Mukakaro 2016, 23:46, par Morodikayi Jon

17 Mukakaro 2016, 08:21, par WILLY Nyamada
Emerujemugasho hakwemera kubigikoresho cico kigigwamana ngo ni nkurunziza,uzovamugasho nka Mandela.Icogihugu aboba dd bagize nkicabanyina,bazakivako nkabaporona,kandi ntani teka narito bazigera baronka.

20 Mukakaro 2016, 20:25, par IRANKUNDA J,MARIE
ARAKWIYE IGIHANO
20 Mukakaro 2016, 21:11, par Jaja
Mbega wewe yofugwa bije gute ?niyihangane kuko nabariyo sibwa ziwe