Accueil > Kwidagadura > Ni gute nomenya ko ankunda vy’ukuri
Ni gute nomenya ko ankunda vy’ukuri
vendredi 7 Kigarama 2012
Umwigeme yagize ati’’Nagiye mu kirori mpura n’umusore nawe wakijemwo hanyuma turaganira tugera ku vy’urukundo turabivugana, ndamubwira ukuntu natandukanye n’umugenzi wanje nahora nkunda. Ndamumwereka Kw’ifoto muri telephone yanje. Nawe ambwira ukuntu yakundanye n’umukobwa kera ariko akaba atakimwiyumvamo, ngo yifunga igitambara mu mutwe cane.
Hanyuma atashe ndamuherekeza duhana nimero za telefone;ndamusezeye ambwira ko yankunze,ambaza nimba namukunze nanje nti ‘ego’. Aho urukundo no gukumburana biba vyatanguye. Tugahura tukaryoherwa hamwe...,agakunda kumbwira ko anyiyumvamwo cane twanavugana kuri phone ngo bikamurengera akumva...,kandi nanje vyari uko mu mutima wanje.
Igihe kimwe arahura na wa mukobwa [bakundana kera] afashe telefone yiwe abona ubutumwa bwanje ngo arababara abonako ibintu bigeze kure,aca ashira nimero zanje kuri ‘black list’ ku buryo ntazosubira kumuhamagara; ariko abikora umuhungu atabizi.
Naramuhamagaye ndamubura nkoresheje iyindi telefone ndamutora numva ndababaye cane ndamubaza uko vyagenze ambwira ko atabizi nanje ndumirwa.
Mu nyuma arabazaa wa mukobwa nimba ari we wabigize aravyemera,umuhungu arambwira ati ‘ni wamukobwa nakubwiye twahora dukundana niwe yatoye telephone yanje hanyuma ashira nimero yawe muri liste noire. Naryohewe cane kuko yambwije ukuri, nanje ndamukunda sinacitse intege naguze iyindi carte sim na nimero nshasha tukama tuvugana,ndamubwira ko ivy’uwo mukobwa jewe ataco bimbwiye ivyo yokora vyose ko ico jewe mpa agaciro ari ikimurimwo [umuhungu]gusa.
Uumuhungu anyiyumvamwo cane nkabibona kandi nanje ni uko. Gusa sinkunda kumubaza ivy’uwo mukobwa
Ikibazo jewe mfise, ni gute nomenya ko ankunda ?
Alexo
Messages
20 Ruhuhuma 2016, 20:09, par Niyomwungere Astère
Kugira Umenye Nez Kwagukunda,uzobwre Uwund Mukobwa Atazwi Nuwo Muhungu !Nyamukobw Amu Tléphne Akoreshe Inumero Uwomuhungu Atazi! Nyamukobwa Asabe Urukundo Uw Muhungu Amubwre Ati Nimba Muhungu Atamukobwa Woba Ufise Mukundanye Ndagusavy Umbere Umu Cheri Kuko Naragushimye! . Amwemerey Uwomukobwa Akubwre !Uzoca Umenya Ko Atarukundo Agufitiy. Amwankiy Amwishuy Ko Amufis Naw Amuryosharyoshe Amubaz Uwakunda Uwariw Avuze Kwar wew Uzocumenyako Agufis Kumutima! Ok
1er Ntwarante 2017, 15:37, par Rukundo Elias d’or
Ncut kubayaraguhishuts nikimenytsocuko agukunda ikindi naco uzoraba ukuntu akwemeza imbereyabandi cnk ukuntuyifatamurikumwe. umusabekoyokujana iwabo urabe imyifatoyiwe murikumwe hama agahura nuwomukobwa wubwamberevyaribikundanye
30 Myandagaro 2018, 20:11, par Habonimana Frodoird
Kutangura Kusaba Urukundo Umukobwa Atanzi Nanje Ntamenya Tutamenyana Nomutangura Gute?
30 Myandagaro 2018, 21:34, par Habonimana Frodoird
Umukobwa Nomusaba Urukundo Ntamumenya Nkoresheje Utujambo Utwuhe Twurukundo? Mbega Nomubaza Gute?