Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni gute umuntu yoshika ku ntumbero yipfuje gushikako - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni gute umuntu yoshika ku ntumbero yipfuje gushikako

Ni gute umuntu yoshika ku ntumbero yipfuje gushikako

mercredi 24 Ndamukiza 2013

Kwiha intumbero mu buzima ni ikintu ciza gituma umuntu ashika ku ntumbero yashatse gushikako no gusuzuma intambwe aba agezeko mu buzima.Nico gituma kugira intumbero ari ikintu ciza m’ubuzima.Murundi ruhande,usanga abantu banka kwiha intumbero kuko akenshi badashika kuvyo baba bihaye maze bikabaca intege zo kubandanya,bigaca binabashavuza.

Hari Impanuro umuntu ashobora gukurikiza kugira yihe intumbero ashobora gushikako.Izo nazo ni nk’izi:

1.Umuntu ategerezwa kubishaka ubwa mbere

Ntimuze mute umwanya mukwiha intumbero yivyo muba mudashaka.Nk’akarorero : nkiyo uwo mwubakanye agusavye nko guhagarika kunywa itabi canke kugabanya ibiro,ariko mukaba mutabishaka,vyiza mworeka guta umwanya kuko nimwabikora,ntaho muzogera.Niyaba rero intumbero idashimikiye kuvyo mushaka gushikako,ikaba atari n’intumbero mwari mwipfuza kugerako, nigake bizoshika ko mugera kuntumbero yanyu mwipfuza kuko mwagire mukore ivyo mudashaka.

Mushaka gushika kuntumbero mwihaye,nimuvuge intumbero yanyu muburyo burashe,mupime urugezo mushaka gushika kuri iyo ntumbero hagati ya 1 na 10.

2.Tora ibisata ushaka gukoreramwo abe arivyo mugumamwo

Mutangure kuri bito muri birya nyene mwiyumvamwo.Kenshi usanga abantu bavuga,”ndashaka gukora iki n’iki,ndashaka gukora na kirya”.Ingorane nuko uca usanga atanakimwe baruhiye gushikako.Ng’utu uturorero mushobora gukorerako:

amagara y’abantu,kurondera kumenyana cane,kwiteza imbere,akazi,ubutunzi n’imigenderanire .Ibindi birashobora kuza no munyuma ariko mugatora kimwe canke bibiri mushobora gushikako.

3.Intumbero zimara igihe kirekire n’izimara igihe gito

Nk’akarorero,iyo umuntu ashaka guta ibiro 20,ntashobora kubita muma segonda. N’intumbero ifata igihe kirekire.Kugira umuntu rero ashike ico aba yashatse gushikako nk’aka karorero tubona aha,yobanza kwanza kwiyumvira guta ibiro 20 mu mezi nk’atanu,akiyumvira no guta ibiro 4 nko mu mezi 30.

4.Ni muyigire iyishoboka

Akarorero hakuvuga,”Ngiye guhagarika kunywa itabi 20 nahora nywa,guhera ubu nyene”,vuge muti :”Sinzosubira kunywa itabi zirenga 15 ku munsi mu kiringo c’indwi yose” hama indwi ikurikira mukavuge muti ”sinzorenza itabi 10 ku munsi” gutyo gutyo muzoshika k’untumbero yo guheba itabi burundu.

Biroroshe cane gushitsa intumbero nto nto izogushitsa ku ntumbero nyamukuru, kurusha kusimbira kuntumbero nini nini mukanya gato.

5.Ni mushire ahabona aho mwanditse intumbero yanyu

Mwame mwiyumvira iminsi yose intumbero yanyu mushaka gushikako,muyandike aho hose izobafasha kwama muyibona kuko hashobora kuza nk’ikintu kiza gishaka kubatesha intumbero mwihaye,ikizobafasha rero,nuko mwoca mwiyibutsa ivyomwanditse mushaka gushikako.

Akarorero: ushobora gusanga ufise umugambi wo guta ibiro,hama ukabona nk’ikintu gihahamura kivyibusha ushaka kurya, uraca wiyibutsa umugambi wo guta ibiro ufise,uce uhitamwo kurya ibigabanya ibiro vyawe.

6.Ni murondere uwuzobafasha,akanabashigikira mu ciyumviro canyu

Musigurire umwe mubagenzi banyu umugambi wanyu,mutibagiye ikiranga minsi kizobafasha kubibutsa igihe mugezeko kugira mushike ku ntumbero igihe gikiwiriye.

Uwo muzoba mwahishuriye umugambi wanyu mushaka gushikako,azoza arababaza aho mugeze,ibisika mwoba muhura navyo kubijanye n’intumbero mwihaye,kugira nimbi hari ico yoterera, abafashe.

7.Erekane inyungu mushaka kuronka ku bijanye n’iyo ntumbero mufise

Akarorero: Ni mba mushaka guta ibiro,inyungu kuri ivyo,nuko muzoshobora kwumva mumerewe neza inyuma yo guta ibiro,mwiyemera,mugashobora kugira amagara meza mbere mukanaramba. Ku bantu batahora bapfa ivyo bambaye bazoheza baronke izibakwira.

Kimwe mu bindi kizobasha gushika ku ntumbero mwihaye ng’iki : nimuyigire iyanyu koko,mwipfuze gose kuyishikako kuburyo muzoyishikira mwihanganye.

Intumbero ntizigira gusa abakinyi b’umupira canke abanonotsi bashaka kuronka igitsibo.Haba namba. Uwo wese afise intumbero mu buzima bwiwe arashobora kuyishikira bihwanye n’uko abigomba.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.