Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni igiki umuntu yofungura mu gihe acibwamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ni igiki umuntu yofungura mu gihe acibwamwo

Ni igiki umuntu yofungura mu gihe acibwamwo

samedi 18 Rusama 2013

Gucibwamwo ni umudurambanyo wo mumara umuntu agira, ushobora no kumusinzikariza ubuzima bivanye n’imyaka, n’ukungene amagara y’uwo muntu ameze.

N’ivyankenerwa ko umuntu agira ico akoze kugira akize amagara yiwe. Ariko kubw’ivyo, n’ukumenya ko ari vyiza ko umuntu yofungura mu gihe afise ingorane yo gucibwamwo. Twoshobora kuyirinda umwanya umwe, nk’akarorero mu gihe bifashe intumbero twokwita « tourista » yigaragaza kenshi mu bihugu aho isuku y’ibifungurwa itubahirijwe.

Muri ico gihe, umuntu yoca afungura ibifungurwa bitetse gusa no kunywa ibinyobwa bigiriwe isuku canke vyuguruwe imbere yiwe agire ayanywe.
Ubwoko bw’ukwo gucibwamwo, ntibuteye amakenga cane kuko bushobora gukira mu minsi mike, ariko nko mu bihugu vyama bifatwa n’indwara ya kolera canke tifoyide, ni vyiza ko abantu boca bihutira kuja kwiteza urushinge rwo kwikingira no kuraba umuganga mu gihe babonye batanguye gucibwamwo, na cane cane mugihe haciye haziramwo ubushuhe bwinshi.

Ku mwana akiri muto, ugucibwamwo gushobora kumutuma amazi yose yo mu mubiri amuheramwo, ari naco gituma yoca yihutirwa kujanwa kwa muganga. Aho, umuntu yoca yibaza ico yokora kugira ahagarike gucibwamwo. Ikintu ca mbere cokorwa ni kunywa ibintu bihagarika umwumira. Gucibwamwo bigukuramwo amazi yose yari mu mubiri.

Kubura amazi m’umubiri ni ikintu ca mbere atari ciza umuntu yokwirinda, hanyuma agaca afungura imfungurwa zoroshe, aha twovuga nk’isupu canke umuceri wera na cane cane mu gihe acibwamwo cane. Ikindi naco n’ugufungura imboga, igitote canke amakaroti.

Hagati mu ndwi, yofungura nk’ibiharage vyera canke inkore. Ariko imboga zitegerezwa gufungurwa cane kugira umushishito usubire kumenyera gusya nk’uko vyahora. Hakaba hari n’imfungurwa zibujijwe gufungura mu gihe umuntu acibwamwo na cane cane n’ibifise amavuta canke ibinure, amata n’amashokora.

N’ivyankenerwa cane kwitwararika ingene umuntu yokwifata mu gihe acibwamwo ariko kandi ni vyiza ko yomenyereza umubiri wiwe gusubira gukora nk’uko wahora. Kubw’ivyo yoshira imbere nk’ama yaourt agizwe n’amata gusa. Hariho kandi n’ubundi buryo umuntu yokora, ni ukubandanya anywa amazi menshi, n’imiburiburi akanywa iritiro rimwe ry’amazi k’umunsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.